Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 8:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Maz’ iyo mpfizi y’impene yīgira agahambaye bihebuje; imaze kugira ubushobozi, iryo hembe rihambaye rirakondoka; maze mu kibanza caryo hamera ayandi mahembe ane y’akarangabgami, yerekeye ibirēre bine vy’ijuru.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 8:8
19 Referans Kwoze  

Nuko Daniyeli aravuga, ati Mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya, mbona imiyaga ine yo mu kirēre isenyeranira ku kiyaga kinini.


Hanyuma y’ivyo, mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe imiyaga ine yo kw isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhūha kw isi canke ku kiyaga canke ku giti cose.


Kandi nk’uko ryakondotse, mu kibanza caryo hakamera ayandi ane, uko ni ko hazoba ubgami bune bukomoka mur’ ubgo bgoko, ariko ntibuzonganya ububasha n’ ubg’ uwa mbere.


Nkivyitegereza, mbona haje impfizi y’impene ivuye i burengerazuba, ica mw isi yose, igenda idakoza amaguru hasi; kand’ iyo mpene yar’ ifise ihembe ry’ akarangabgami hagati y’amaso yayo.


Ariko yishize hejuru, yikomantaje umutima bimuteye gukoresha ubugabo, ataramurwa ku ngoma, kandi bamwāka icubahiro ciwe.


Arikw amaze kuba agahambaye, yishira hejuru mu mutima wiwe, bituma akora ivyo kugabitanya, acumura k’Uhoraho Imana yiwe; kuko yinjiye mu rusengero rw’Uhoraho ngo yosereze imibavu ku gicaniro ihora yoserezwako.


Ni ho azotuma abamarayika, akoranye abatoranijwe biwe, bave mu birēre bine, guhēra ku mpera y’isi kugeza impera y’ijuru.


Azotuma abamarayika biwe n’ijwi rirenga ry’inzamba, bakoranye abatoranijwe biwe, bave mu birēre bine, guhēra iy’ ijuru ritangurira kugeza iyo riherera.


Ni yamara guhaguruka, ubgami bgiwe buzosatagurwa, bugabanywemwo bune nk’uko butumbereye ibirēre bine vy’ijuru, kandi ntibuzosubirwamwo n’uruvyaro rwiwe, canke ngo buganzishwe ububasha nk’uko yabuganzisha; kuk’ ubgami bgiwe buzoshingurwa, buhabge abandi atari mur’ abo.


Hanyuma y’ivyo mbona ikindi gikōko gisa n’ingwe; mu mbavu zaco cari gifise amababa ane, nk’ay’ igisīga; kand’ ico gikōko cari gifise imitwe ine; gihabga inganji.


Iryo jambo umwami akirikūra mu kanwa, haza ijwi rivuye mw ijuru, riti Yewe mwami Nebukadineza, ni wewe ubarirwa; ubgami ubukūwemwo.


Mbeg’ uzosubira kuvugira imbere y’ūkwica ng’ ur’ Imana? Ushima uzoba ur’ umuntu buntu, ntuzoba ur’ Imana, ushitse mu maboko y’ ūgusogota!


Nakugwije nk’urumerēra rwo mw itongo, uragwira, urakura, ushika kuba umunyakaranga keza; amabere yawe arahagarara, n’ umushatsi wawe urakura; ariko wari gusa ugenda amēnya.


Nk’ukw igisamba cokwuzuzwa izo nyoni, ni kw amazu yabo yuzuyemw’ ibigungano: ni co catumye bacika abahambaye, bakaba abatunzi.


Moridekayi uwo yar’ agahambaye mu rugo rw’umwami, kandi yari rurangiranwa mu bihugu vyose: kuk’ uwo mugabo Moridekayi yarushiriza kuba agahambaye.


Kuko ni namara kubashikana mu gihugu narahiye ba sekuruza babo, igihugu gitemba amata n’ubūki, bakarya, bagahāga, bakadibama; bazohērako bahindukirire izindi mana, bazisabe, bankēngēre, bice isezerano ryanje.


Kandi nzohuruza kuri Elamu imiyaga ine iturutse ku mpande zine z’ijuru, mbashwiragirize mur’ ivyo birēre vyose; abirukanywe b’i Elamu nta hanga batazoshikamwo.


Mbona yēgereye iyo mpfizi y’intama, irayishamira, irayisekura, iyivuna ayo mahembe yompi; kand’ iyo mpfizi y’intama ntiyagira inkomezi zo kuyihagarara imbere, arikw iyo mpene iyikubita hasi, irayisiribanga; kand’ iyo mpfizi y’intama ntihāboneka ūshobora kuyikiza ya mpfizi y’impene.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite