Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 8:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nkivyitegereza, mbona haje impfizi y’impene ivuye i burengerazuba, ica mw isi yose, igenda idakoza amaguru hasi; kand’ iyo mpene yar’ ifise ihembe ry’ akarangabgami hagati y’amaso yayo.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 8:5
7 Referans Kwoze  

Impfizi y’impene y’ibisambi ni we mwami w’i Bugiriki; kand’ ihembe rinini ryari hagati y’amaso yayo ni we mwami wabo wa mbere.


Maz’ umwami ahambaye azohaguruka, azoganzisha ububasha bginshi, akore uko yigombeye.


Maz’ iyo mpfizi y’impene yīgira agahambaye bihebuje; imaze kugira ubushobozi, iryo hembe rihambaye rirakondoka; maze mu kibanza caryo hamera ayandi mahembe ane y’akarangabgami, yerekeye ibirēre bine vy’ijuru.


Hanyuma y’ivyo mbona ikindi gikōko gisa n’ingwe; mu mbavu zaco cari gifise amababa ane, nk’ay’ igisīga; kand’ ico gikōko cari gifise imitwe ine; gihabga inganji.


Kandi mu nyuma zawe hazovyuka ubundi bgami butanganya n’ubgawe gukomera; hanyuma hazovyuka ubundi bgami bga gatatu, buzoganza isi yose.


Ico gishushanyo, umutwe waco war’ izahabu nziza, kand’ igikiriza n’amaboko vyar’ ifeza, inda n’ibibero vyar’ imiringa,


Iza kuri ya mpfizi y’intama y’amahembe abiri, nari nabonye ihagaze ku ruzi, irayivumbukira iri n’inkomezi zitewe n’inzigo nyinshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite