Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 8:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Mbona iyo mpfizi y’intama igenda itwariranya, yerekeye i burengerazuba n’i burārūko n’i bumanuko; ntihāgira igikōko gihangara kuyihagarara imbere, ntihāboneka ūshobora kugira ico ayikiza; ariko yakora uko yigombeye, ikīgira agahambaye.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 8:4
18 Referans Kwoze  

Arik’ ūzoba amuteye azogira nk’uko yigombeye, kandi nta wuzomuhagarara mu ruhanga; nukw azohagarara mu gihugu c’ubgiza, ukuboko kwiwe kurimwo kugeseza.


Nuk’ uwo mwami azokora uko yigombeye, yishire hejuru, yīgire agahambaye gasumba icitwa imana cose, kand’ azovuga ibitangaza vyo kurogota ku Mana nya mana, azororanirwa gushitsa ah’ uburake buzoshikira; kukw icashinzwe kitazobura gushika.


Mbona yēgereye iyo mpfizi y’intama, irayishamira, irayisekura, iyivuna ayo mahembe yompi; kand’ iyo mpfizi y’intama ntiyagira inkomezi zo kuyihagarara imbere, arikw iyo mpene iyikubita hasi, irayisiribanga; kand’ iyo mpfizi y’intama ntihāboneka ūshobora kuyikiza ya mpfizi y’impene.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.


Ndongera mbona ikindi gikōko ca kabiri gisa n’icitwa idubu; cari gihengarariye uruhande rumwe, cari gifashe amagufa atatu y’ imbavu mu kanwa, mu mihāha yaco. Barakibgira, bati Va hasi urye inyama nyinshi.


Maze mur’ iryo joro nyene Belushaza umwami w’i Bukaludaya aricwa.


Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.


Ko muzisitisha imbavu n’ibitugu, izirwaye zose mukazisunikisha amahembe yanyu, gushitsa muzisanzarije kure;


None rero yemwe abibagira Imana, ni mwiyumvire ibi, Noye kubashishimura, hakabura uwobakiza:


Uriya ntanshishimure nk’ intambge, Ngw antabagure ata wo kuntabara.


Kand’ uzi ko ntarikw igicumuro, Kw ata woshobora kundokora ngw ankūre mu kuboko kwawe?


Impfizi yiwe y’uburiza, icubahiro n’icayo, Amahembe yayo ni nk’ay’ imbogo: Izoyicisha amahanga yose, gushitsa ku mpera y’isi. Ni kw amasinzi y’aba Efurayimu ameze, Bo n’ibihumbi vy’aba Manase.


Maze Zedekiya mwene Kenayana yicurishiriza amahembe y’ivyuma, aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Aya mahembe ni yo uzokwirukanisha Abasiriya gushitsa baherengeteye.


Ni wewe uzoduha kwirenza abansi bacu: Izina ryawe ni ryo rizoduha gusiribanga abadukūriye hasi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite