Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 8:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nunamuye amaso mbona impfizi y’intama ifise amahembe abiri, ihagaze hakuno y’uruzi: kand’ ayo mahembe ukw ar’ abiri yari maremare, ariko rimwe ryasumba irindi, kand’ irirerire ni ryo ryaheruka kumera.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 8:3
25 Referans Kwoze  

Impfizi y’intama y’amahembe abiri wabonye ni bo bami b’Abamedi n’Abaperesi.


Nunamuye amaso mbona umuntu yambaye impuzu zera, akenyeje izahabu nziza zavuye muri Ufazi.


Nuko nongera kwunamura amaso, mbona imikogote ine iturutse hagati y’imisozi ibiri; kand’ iyo misozi yar’ imiringa.


Maze nunamuye amaso, mbona abagore babiri baje, bakubebga n’umuyaga mu mababa yabo; kandi bāri bafise amababa nk’ay’ agasōza; baterura iyo efa, bayicana mu kirēre hagati y’isi n’ijuru.


Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, arambarira, at’ Unamura amaso, urābe kirya kije ic’ ari co.


Nuko nongera kwunamura amaso, mbona umuzingo w’ igitabo uguruka.


Maze nunamuye amaso mbona umuntu afise mu minwe umugozi wo kugera.


Maze nunamuye amaso mbona amahembe ane.


Ndongera mbona ikindi gikōko ca kabiri gisa n’icitwa idubu; cari gihengarariye uruhande rumwe, cari gifashe amagufa atatu y’ imbavu mu kanwa, mu mihāha yaco. Barakibgira, bati Va hasi urye inyama nyinshi.


Nuko ku ngoma ya Dariyo no ku ngoma ya Kuro Umuperesi, Daniyeli agira ikiganza ciza.


Ubgo bgami buhabga Dariyo Umumedi, yar’ amaze imyaka nka mirongwitandatu n’ibiri y’amavuka.


Kandi mu nyuma zawe hazovyuka ubundi bgami butanganya n’ubgawe gukomera; hanyuma hazovyuka ubundi bgami bga gatatu, buzoganza isi yose.


Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe.


mvuga ivya Kuro, nti N’umwungere wanje, azoshitsa ivyo ngomba vyose; nkavuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwubakwa; nkabarira urusengero, nt’ Itanguriro ryawe rizoshirwaho.


Ivyerekanywe bikomeye ndabihishurirwa; abaryarukanyi bariko bararyarukana, abanyazi bariko baranyaga. Yemwe b’i Elamu, ni mudūge mutere, namwe Bamedi, mubate hagati! Ukwitsa umutima kwabo kwose ngira nkurangize.


Rāba nzovyutsa Abamedi ngo babatere; ntibazorāba ifeza, kandi naho zoba izahabu ntibazozibabara.


mu mwaka ugira gatatu ari ku ngoma atumirira amazimano abaganwa biwe bose n’abamenyekana biwe; abahambaye b’i Buperesi n’i Bumedi, na ba segaba n’abaganwa b’ibihugu bakoranira imbere yiwe.


Baha impēra abo kwigenera inama zo kubabuza gushitsa ivyo bagabiye; bikomeza birtyo igihe cose Kuro umwami w’i Buperesi yamaze ku ngoma, barinda bashitsa no ku ngoma ya Dariyo umwami w’i Buperesi nyene.


ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda.


Dawidi yunamuye amaso, abona uwo mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu kirēre, hagati y’isi n’ijuru, asokōye inkota ayibanguriye Yerusalemu. Maze Dawidi n’abakuru, bambaye amagunira, baca barapfukama, barūnama.


Maze Yosuwa ari hafi y’i Yeriko, agize ngw arunamura amaso, abona umuntu imbere yiwe, yāsokōye inkota, ayifashe mu ntoke. Yosuwa aramwēgēra, aramubaza, ati Mbeg’ ur’ ūje ku ruhande rwacu, canke ku rw’abansi bacu?


Balamu yunamura amaso, abona Abisirayeli bashagaje nk’ukw imiryango yabo iri; Mpwemu w’ Imana amuzako.


Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.


Kandi mbona ikindi gikōko gisokorotse mw isi: gifise amahembe abiri nk’ay’ umwagazi w’intama, kivuga nk’igisato.


Mbona ivyo neretswe nko mu nzozi, maze mvyitegereje mbona ndi ku murwa i Shushani, mu ntāra yo muri Elamu; ndāvye ivyo neretswe mbona ndi ku ruzi Ulayi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite