24 Ububasha bgiwe buzoba bukomeye, ariko ntibuzoba ar’ ububasha bgiwe ubgiwe. Azogeseza bitangaje, akore ivyo yigombeye, atunganirwe; azogeseza abahambaye bo n’ubgoko bg’abera.
Izo ngabo bo n’ico kimazi gihora gitangwa, bigaburwa mu maboko yaryo kubg’ igicumuro. Ivy’ ukuri ribishiburira hasi, maze rikora ivyo ryigombeye, riratunganirwa.
Kukw Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye, no guhūza inama, no gushira ca gikōko ku ngoma yabo, kugeza ah’ amajambo y’Imana azoshikira.
Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; numva arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kand’ ati Ni bamara guca ubgoko bgera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize.
Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.
kukw amateka yayo ar’ay’ ukuri n’ukugororoka. Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’ imuhōye amaraso y’abagurano bayo.
Kandi mbona uwo mugore aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu. Ndamubonye birantangaza ndumirwa rwose.
Rihinduka rinini ryagamba no mu ngabo zo mw ijuru, mber’ ingabo zimwe n’inyenyeri zimwe ribishiburira hasi, rirabisiribanga.
Bavishije amaraso y’abera n’ay’ abavugishijwe nawe, kand’ amaraso nyene ni yo ubahaye ngo banywe: birababereye.
Nuko ryīgira agahambaye, mbere ryiringaniza n’umugabisha w’izo ngabo, rimunyaga ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, inyubako z’ahēra hiwe zirasangangurwa.
Igihe ingoma yabo igira ihere, abanyabicumuro bamaze kugwira, hazovyuka umwami w’umujinya, azi guhirikana.
Nabonye umunyakibi afise ububasha buhambaye, Agasaye nk’igiti kiremvye kir’ aho cimejeje.
Kandi hagize umuntu yifatanya na we, azoca mu bugunge, kukw azodūga akaba ūhambaye, nah’ azoba afise abantu bake.