Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 8:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Impfizi y’impene y’ibisambi ni we mwami w’i Bugiriki; kand’ ihembe rinini ryari hagati y’amaso yayo ni we mwami wabo wa mbere.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 8:21
9 Referans Kwoze  

Maz’ umwami ahambaye azohaguruka, azoganzisha ububasha bginshi, akore uko yigombeye.


Arambaza, at’ Urazi ikinzanye kuri wewe? Ubu ngira nsubireyo kurwanya segaba w’i Buperesi; kandi ni natabaruka, segaba w’i Bugiriki azoca aza.


Impfizi y’intama y’amahembe abiri wabonye ni bo bami b’Abamedi n’Abaperesi.


Kandi nk’uko ryakondotse, mu kibanza caryo hakamera ayandi ane, uko ni ko hazoba ubgami bune bukomoka mur’ ubgo bgoko, ariko ntibuzonganya ububasha n’ ubg’ uwa mbere.


Nuko none ngira nkwereke ivy’ ukuri. Haracasigaye abandi bami batatu bazokwima i Buperesi; arik’ uwa kane azorusha abandi bose ubutunzi bginshi: uwo ni yamara kuba umunyabushobozi kubg’ ubutunzi bgiwe, azogomora ingabo zose ngw atere ubgami bg’i Bugiriki.


Kandi mu nyuma zawe hazovyuka ubundi bgami butanganya n’ubgawe gukomera; hanyuma hazovyuka ubundi bgami bga gatatu, buzoganza isi yose.


Hanyuma y’ivyo mbona ikindi gikōko gisa n’ingwe; mu mbavu zaco cari gifise amababa ane, nk’ay’ igisīga; kand’ ico gikōko cari gifise imitwe ine; gihabga inganji.


Kuko mfoye Buyuda nk’umuheto, Efurayimu ndamushize mu ruge; kand’ abana bawe, Siyoni we, nzobateranya n’abana bawe Bugiriki we; nzoguhindura nk’inkota y’umuhizi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite