Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 8:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mbona ivyo neretswe nko mu nzozi, maze mvyitegereje mbona ndi ku murwa i Shushani, mu ntāra yo muri Elamu; ndāvye ivyo neretswe mbona ndi ku ruzi Ulayi.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 8:2
24 Referans Kwoze  

ico gihe umwami Ahasuwerusi yar’ ahangamye ku ngoma yiwe ku murwa i Shushani;


Amajambo ya Nehemiya mwene Hakaliya. Mu kwezi kwa Kisilevu, mu mwaka ugira mirongwibiri, nari nsanzwe ndi ku murwa i Shushani.


Uwa Elamu ni yo ari, bo n’ ishengero ryiwe ryose rikikije imva yiwe: bose n’abishwe, bahindikiranijwe n’inkota, bamanutse batākebge baja i bgina i kuzimu, kand’ ari bo bār’ agaterabgoba mw isi y’abariho, bajanye ibitētērwa vyabo hamwe n’abamanuka baja muri rwa rwobo.


n’abami bose b’i Zimuri, n’abami bose b’i Elamu, n’abami bose b’Abamedi,


Nukw ibgirizwa ry’umwami n’ icagezwe ciwe bimaze kwamamara, abigeme benshi bagakoranirizwa ku murwa i Shushani, ngo barindwe na Hegayi, Esiteri na we ajanwa i bgami, ahabga Hegayi nyene, yarinda abigeme.


Mu gihe ca Amurafeli umwami w’i Shinari, na Ariyoki umwami w’i Elasari, na Kedolawoma umwami w’i Elamu, na Tidali umwami w’i Goyimu,


Aba Shemu ni Elamu na Ashuri na Arupakisadi na Ludi na Aramu.


Nunamuye amaso mbona impfizi y’intama ifise amahembe abiri, ihagaze hakuno y’uruzi: kand’ ayo mahembe ukw ar’ abiri yari maremare, ariko rimwe ryasumba irindi, kand’ irirerire ni ryo ryaheruka kumera.


Maze jewe Daniyeli, umutima untunturiramwo, uhagarikwa n’ ivyo nabonye nerekewe mu mutwe.


Nuko Daniyeli aravuga, ati Mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya, mbona imiyaga ine yo mu kirēre isenyeranira ku kiyaga kinini.


Ivyerekanywe bikomeye ndabihishurirwa; abaryarukanyi bariko bararyarukana, abanyazi bariko baranyaga. Yemwe b’i Elamu, ni mudūge mutere, namwe Bamedi, mubate hagati! Ukwitsa umutima kwabo kwose ngira nkurangize.


Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.


Nukw Abayuda bār’ i Shushani bongera kwirema inteko no ku musi w’icumi na kane w’ ukwo kwezi kwitwa Adari, bica abagabo amajana atatu i Shushani; ariko ntibākojeje ukuboko kwabo kw isahu.


Kur’ uwo musi bamenyesha umwami igitigiri c’abiciwe ku murwa i Shushani.


Maze Moridekayi arasohoka, ava imbere y’umwami, yambaye imyambaro y’ubgami y’amasufe n’iyera, n’igitsibo kinini c’izahabu, n’imvune yera nziza y’inyambarabami; nukw abo ku murwa i Shushani basemerera banezerewe.


Arababarira, ati Ni mwumve amajambo yanje; asangwa muri mwebge har’ uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi.


Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k’abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi,


Esiteri aramwishura, ati N’umubisha kandi n’umwansi, ni we uyu muyobe Hamani! Maze Hamani acikira ivutu imbere y’umwami n’umwamikazi.


Nukw izo ntumwa zigenda zihuta, kubgo kwihanikirizwa n’ umwami; iryo teka ryamamara no ku murwa i Shushani. Maz’ umwami na Hamani biyicarira ngo banywe; arikw abo ku murwa i Shushani barumirwa.


Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikīngira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku: imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’ intambge, mu kanwa kayo havamw’ umuriro n’umwotsi n’amazuku.


Mu mwaka wa mirongwitatu, mu kwezi kwa kane, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari kumwe n’abājanywe ar’ inyagano turi ku ruzi Kebari; ijuru riruguruka, maze mbona ivyo neretswe bivuye ku Mana.


Mu mwaka ugira gatatu umwami Belushaza ari ku ngoma, jewe Daniyeli mbona ivyo neretswe bikurikira ivya mbere.


Maze ku musi ugira mirongwibiri na kane w’ukwezi kwa mbere, nari ku nkombe y’uruzi runini rwitwa Hidekeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite