Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 8:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Akirikw aravugana nanje, nzimira ubgenge, ncurika umutwe hasi; maz’ ankorako, aramvyura.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 8:18
13 Referans Kwoze  

Uwasa n’umuntu yongera kunkorako, ansubizamw’ intege.


Petero n’abāri kumwe na we bāri baremerewe n’itiro, bikanguye rwose babona ubgiza bgiwe na ba bagabo babiri bahagararanye na we.


Maze haza ūfise ishusho nk’iy’ abana b’abantu, akora ku munwa wanje; nca nteranura akanwa, ndavuga mbarira uwar’ ampagaze imbere, nti Databuja, ivyo neretswe vyatumye nsinzikazwa n’umubabaro, ndadendebukiwe.


Akivugana nanje Mpwemu anyinjiramwo, ampagarika n’ibirenge vyanje; maze numva uyo avugana nanje.


None mpagaze ngo ncirwe urubanza, kuko nizigira kuzobona ivy’ Imana yasezeraniye ba sogokuruza:


Amaze gusenga, ava hasi aja ah’abigishwa bari, asanga basinzirijwe n’umubabaro.


Maz’ umumarayika twavugana aragaruka, arankangura, nk’ uk’ umuntu akangurwa ava mw itiro:


Maze jewe Daniyeli nca ncika intege, mmara imisi ndwaye. Hanyuma mva hasi, nkora ibikorwa vy’umwami; ntangazwa n’ivyo neretswe, kandi nta wobitahura.


Nuko yēgēra aho nari mpagaze; anshikiriye ncika ivutu, nikubita hasi nubamye; maz’ arambarira, at’ Umve, yewe mwana w’umuntu, ivyo weretswe n’ivy’ igihe c’iherezo.


Nciyumvira ivyiyumviro bivuye mw iravūta ryo mw ijoro, Igihe itiro ryinshi ritwaye abantu,


Ku kirengazuba, Aburamu itiro riramuhwikira, asinzira ubutikoma; maz’ ubgoba butewe n’ umwiza w’umuzitanya buramufata.


Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite