14 Aranyishura, ati Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu; ni ho ahantu hēra hazobona guhumanuka.
Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; numva arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kand’ ati Ni bamara guca ubgoko bgera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize.
Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.
Ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uhereye igihe kizokūrirwaho, bagashinga ca kizira c’ubuyobe cazanye ubugesera, hazocah’ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwicenda.
Uhoraho, muri we ni ho uruvyaro rwose rwa Isirayeli ruzotsindanishiririzwa, rukamwirata.
Umugore ahabga amababa abiri y’inkukuma nini, kugira ngw agurukire mu bugaragwa ahantu hiwe, ah’ agaburirirwa igihe n’ibihe n’igice c’igihe, arindwa ico kiyoka.
Kand’ ivyerekanywe vy’ubgira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ ukuri; arik’ ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kukw ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.
I Siyoni hazocunguzwa guca iziroranye, abīsubiyemwo baho bazocunguzwa ukugororoka.
Gihabga akanwa kavuga ibihambaye n’ivyo kurogota: gihabga n’ubushobozi bgo gushishikara amezi mirongwine n’abiri.
Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.
Kand’ ivyanditswe vyabimenye bitaraba yukw Imana izotsindanishiriza abanyamahanga kubg’ ukwizera, bibarira Aburahamu ubutumwa bgiza bg’ibitaraba, biti Muri wewe ni ho amahanga yose azohērwa umugisha.
Imana yita umuco umurango, umwiza iwita ijoro. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi wa mbere.
Hahirwa uzorīndīra, agashitsa ku misi igihumbi n’amajana atatu na mirongwitatu n’itanu.