Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 8:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Maze numva uwera avuga; kand’ uwundi mu bera abaza umwe yabanje kuvuga, ati Bizogeza ryari ivyerekanywe vy’ikimazi cahora gitangwa, n’ivy’ igicumuro kizanye ubugesera, gitumye ahantu hēra n’ingabo bitangwa bigasiribangwa?

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 8:13
38 Referans Kwoze  

Intangaro y’urusengero uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga: kandi n’igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongwine n’abiri.


Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu?


Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.


Kand’ azosezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe: ni ryagera hagati azokūrah’ ibimazi n’amashikanwa; ūgeseza azoza kw ibaba ry’ibizira; maz’ ubuyobe buzosukwa kur’ uyo ageseza, gushitsa ku muhero washinzwe.


Azogomora ingabo ziwe, zihumanye ahēra n’iboma yaho, bakūreh’ ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, bahashinge ikizira c’ubuyobe kizana ubugesera.


Maze mu vyo nerekewe mu mutwe ndi ku kirwa, ngize ntya mbona umushibamyi kandi yar’ uwera amanuka ava mw ijuru,


Kandi bāhishurirwa yukw atari bo bavyikorera, ariko kw ari mwebge babikorera; ni vyo none mumaze kubarirwa n’abābabgiye ubutumwa bgiza, bāvugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw ijuru: kand’ ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka.


Mugira ng’umuntu ntazoba akwiye guhanwa ibirushirije cane, asiribanze Umwana w’Imana, akiyumvira amaraso y’isezerano yamwejeje kw ar’ igihumane, agacokora Mpwemu w’ubuntu?


kugira ngw aremeshe imitima yanyu, ntigire umugayo, ibe iyera imbere y’Imana yacu ni yo Data wa twese, iz’ isangwe irtyo ah’ Umwami wacu Yesu azozananira n’abera biwe bose.


Ariko ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ ubuyobe bgaho bugira bushike.


Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire,


Nukw aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana — ūsoma ni yiyubare —


Abantu bawe bera bāhaganje igihe gito gusa; abarwanizi bacu bāsiribanze ahantu hawe hēra.


Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa,


Uhoraho we, uzogeza hehe kuraka ibihe vyose? Mbeg’ ifuhe ryawe rizokwama ryaka nk’umuriro?


Kandi Henoki, ni we yagira indwi uhereye kuri Adamu, yavugishijwe n’Imana ivyabo, at’ Eh’ Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe,


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Muzohunga muce mu ruhomoka rwo mu misozi yanje; kuk’ uruhomoka rwo mur’ iyo misozi ruzoshika no kuri Azeli: mbere muzohunga nk’uko mwāhunze hamwe isi yatigita ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda; maz’ Uhoraho Imana yanje azoza azananye n’abera bose.


Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Ivyo n’ibiki? Aranyishura, at’ Ayo ni yo mahembe yasābagije Abayuda n’Abisirayeli n’ab’i Yerusalemu.


Ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uhereye igihe kizokūrirwaho, bagashinga ca kizira c’ubuyobe cazanye ubugesera, hazocah’ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwicenda.


Maze wa wundi arambarira, at’ Ico gikōko ca kane kizoba ubgami bga kane kw isi, kandi buzoba bufise itandukaniro n’ubundi bgami bgose, buzotabagura isi yose, buyisiribange, buyijanjange.


Nuko nēgēra umwe mu bari bahagazeho, ndamwinginga ngw ambarire ivy’ ukuri vyo mur’ ivyo vyose; arabimbgira, ammenyesha uko bisobanurwa.


Kandi mwami, nk’uko wabonye umushibamyi kandi yar’ uwera amanuka ava mw ijuru, ati Ni wīcire ico giti ugicagagure, arikw igishitsi ukirekerane n’imizi yaco mu kuzimu, ugihambirize ivyuma n’ imiringa, gisigare mu vyatsi bitoto vyo ku musozi, kize gitondweko n’urume ruva mu kirēre, kirishanye n’ibikōko vyo mw ishamba, gushitsa ibihe ndwi bigikūranirwako:


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Ntitubona ibimenyetso vyacu, Nta wuvugishwa n’Imana akiriho: Kandi nta n’umwe muri twebge azi ah’ ivyo bizogarukira.


Uwo mumarayika w’Uhoraho aramwishura, at’ Umbariza iki izina ryanje, kw ar’ izina ritangaje?


at’ Uhoraho yaturutse kuri Sinayi, Yabarasiye aserutse kuri Seyiri, Yakayanganye aserutse ku musozi Parani, Avuye hagati mu masinzi y’ abera; I buryo bgiwe har’ umuriro waka.


Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.


Vyose nabihawe na Data; kandi nta wuzi Umwana uw’ ari we, atari Data: na Data nta wumuzi uw’ ari we atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Mana, umurwanizi azogeza hehe kudutuka? Mbeg’ umwansi azorogota kw izina ryawe ibihe vyose?


Maz’ isezerano mwasezeranye n’urupfu rizopfa, kand’ inyemero mwemeranije n’i kuzimu ntizohama; arikw icago ni casendanisha kigahita mu gihugu, ni ho kizobasiribangira hasi.


Abungere benshi bāhanyaguye uruzabibu rwanje, bāsiribanze umugabane wanje, umugabane wanje w’igikundiro bāwuciye ubugaragwa bg’ibitongozi.


Ndavyumva, ariko sinabitahura; nca ndabaza, nti Databuja, ikizoherukira ibindi mur’ ivyo n’ikihe?


Ivyo nerekewe mu mutwe ndi ku kirwa n’ibi: Nagize ntya, mbona igiti c’inganzamarumpu gitabamye mw isi hagati.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite