Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 8:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nuko ryīgira agahambaye, mbere ryiringaniza n’umugabisha w’izo ngabo, rimunyaga ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, inyubako z’ahēra hiwe zirasangangurwa.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 8:11
28 Referans Kwoze  

Ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uhereye igihe kizokūrirwaho, bagashinga ca kizira c’ubuyobe cazanye ubugesera, hazocah’ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwicenda.


Azogomora ingabo ziwe, zihumanye ahēra n’iboma yaho, bakūreh’ ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, bahashinge ikizira c’ubuyobe kizana ubugesera.


Akenge kiwe kazotuma ivy’ ubugunge birorana; azokwīgira agahambaye mu mutima wiwe, ageseze benshi ata co binona; mber’ azohaguruka kurwanya Umwami w’abami; arikw azovunagurika, ata wumukozeko.


Kand’ uze wame uwugerekakw ishikanwa ry’ifu mu gatondo uko bukeye nyene, ribe ikigira gatandatu ca efa y’ifu igogōretse, n’ikigira gatatu ca hini y’ amavuta, yo kuvanga n’iyo fu; ribe ishikanwa ry’ifu k’Uhoraho ry’intahava, icagezwe c’ibihe vyose.


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


Uwo watonganije ukamurogotako ni nde? Ni nde wirahiye akararamango ukamurābana agakēngērwe? Erega ni jewe Uwera w’Abisirayeli.


Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa.


Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.


Izo ngabo bo n’ico kimazi gihora gitangwa, bigaburwa mu maboko yaryo kubg’ igicumuro. Ivy’ ukuri ribishiburira hasi, maze rikora ivyo ryigombeye, riratunganirwa.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.


Kandi Mowabu hazogesezwa ngo ntihabe hakiba ihanga, kuko hinantaje k’Uhoraho.


Muhaboreze, kuko hinantaje k’ Uhoraho; nuko Mowabu hazokwivurunga mu bidashwe vyaho, hacike agatwengo.


None rero kubg’ ubushangashirwe wangiriye, n’uko numvise ivy’ agashamango kawe, nzogutūngīra umurinda wanje mu mazuru, n’umujiginya wanje mu kanwa, ngusubize mu nzira wazananye.


Ubabarire, ut’ Iki ni co kimazi co gutōngōrwa n’umuriro muzohora mumushikanira: muze mutange abana b’intama babiri‐babiri uko bukeye, b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga, kw ibimazi vyo kwoswa vy’intasība.


umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukw azokwicara mu rusengero rw’ Imana, yiyerekana ngo n’Imana.


Ububasha bgiwe buzoba bukomeye, ariko ntibuzoba ar’ ububasha bgiwe ubgiwe. Azogeseza bitangaje, akore ivyo yigombeye, atunganirwe; azogeseza abahambaye bo n’ubgoko bg’abera.


Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.


Maz’ ingabo zizoba zisebereye nk’uruzi zizotembanwa n’umuvo imbere yiwe, zihomvagurike; mbere n’ umukuru w’isezerano na we n’ uko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite