Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 7:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ica mbere casa n’intambge, kandi cari gifise amababa nk’ay’ inkukuma; ndacitegereza, gushitsa ah’ ivyubi vyaco bihanyuwe, gikūrwa hasi, gihagarikwa ku maguru, cēma nk’umuntu, kandi gihabga umutima nk’uw’ umuntu.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 7:4
27 Referans Kwoze  

Intambge isokorotse mu gisaka cayo, ni yo mugeseza w’amahanga; ifashe inzira, isokorotse ahantu hayo, kugira ngw itikize igihugu canyu, ibisagara vyanyu ngo bisigare ar’ imisaka, ata wukihaba.


ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Inkukuma niniya, y’amababa manini n’amoya maremare, ifise ivyoya vyinshi vy’amabara atar’ amwe, yaje i Lebanoni, ica agatwetwe k’igiti citwa isederi,


Ah’ umuvyimba uri hose, ni ho ibinyakabaka bizokoranira.


Nuk’ uwo mwanya ubgenge bganje buragaruka, ubgiza bg’ubgami bganje n’igitinyiro canje, n’ugukayangana kw’ ivy’ icubahiro canje bingarukako. Maz’ abajanama banje n’abaganwa banje bansubizak’ umutima; ndaheza ntsimbatazwa mu bgami bganje, nongerwa ububasha buhambaye.


Mbeg’ uzosubira kuvugira imbere y’ūkwica ng’ ur’ Imana? Ushima uzoba ur’ umuntu buntu, ntuzoba ur’ Imana, ushitse mu maboko y’ ūgusogota!


riti Mwana w’umuntu, barira segaba w’i Tiro, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umutima wawe ko wishize hejuru, kand’ ukavuga, ng’ ur’ Imana, ng’ uvyagiye ku ntebe y’Imana hagati mu kiyaga; yamar’ ur’ umuntu buntu, ntur’ Imana, naho mu mutima wawe wigereranya na yo;


Abaduhīga barusha inkukuma zo mu kirēre kunyaruka: Badukinagiza ku misozi miremire, bakaducira ibico mu bugaragwa.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Eh’ umwansi azoza aguruka nk’inkukuma, azosanza amababa i Mowabu.


Yahevye ahiwe nk’ukw intambge iheba ikibundo cayo; kukw igihugu cabo gihindutse akajoreza kubg’ ubukare bg’inkota itwaza igitugu, no kubg’ uburake bgiwe bg’inkazi.


Eh’ azodūga aze nk’ibicu, n’imikogote yiwe izoza nk’agashururu; amafarasi yiwe azorusha inkukuma kunyaruka. Tubonye ibara! Turageseye!


Uhoraho, n’ubatere ubgoba; Amahanga yimenye kw ar’ abantu buntu. Sela.


Nanswe umuntu buntu, kand’ ar’ inyo! N’umwana w’umuntu, kand’ ar’ umusiba!


Ewe kuntu Sauli na Yonatani bākundwa, kand’ ar’ abanyagikundiro! Nta cabatandukanije mu kubaho kwabo canke mu gupfa kwabo. Bārusha inkukuma kunyaruka, Bārusha n’intambge gukomera.


Uhoraho azobagomorera ihanga rya kure, ribatere, arikūye ku mpera y’isi, rize nk’ukw inkukuma yirasa, ihanga mutazomenya ururimi rwaryo,


Ico gikōko nabonye casa n’ingwe, amajanja yaco yar’ ameze nk’ay’ idubu, akanwa kaco kari kameze nk’ak’ intambge. Ca gisato kigiha ububasha bgaco, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye.


Ndongera mbona ikindi gikōko ca kabiri gisa n’icitwa idubu; cari gihengarariye uruhande rumwe, cari gifashe amagufa atatu y’ imbavu mu kanwa, mu mihāha yaco. Barakibgira, bati Va hasi urye inyama nyinshi.


Eh’ azodūga nk’intambge ivuye kuri Yorodani iyo rwigize akagabo, ngw atere ahantu h’itsitsi hakomeye: ariko nzotuma ahahunga giturumbuka, kand’ uwo nzotoranya ni we nzoshinga ngw ahaganze: none ni nde ahwanye nanje? Kandi ni nde azonshingira igihe? Kandi ni nde mwungere yohangara guhagarara imbere yanje?


kand’ ah’ abantu baba hose yaguhaye n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibiguruka vyo mu kirēre, ibishira mu kuboko kwawe, iguha kubiganza vyose. Nuko rer’ uwo mutwe w’izahabu ni wewe.


Kandi na vya bikōko bindi, inganji yavyo birayakwa: ariko vyongerwa ukubaho gushitsa igihe kinaka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite