Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 7:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Kandi nifuza kumenya ivya ya mahembe cumi yari mu mutwe waco, n’ivya rya rindi ryamera, rigatembagaza ya yandi atatu, ni ryo rya hembe ryari rifise amaso, n’akanwa kihayagiza, ryaboneka kw ari rinini kurusha ayandi magenzi yaryo.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 7:20
9 Referans Kwoze  

Maze wa wundi arambarira, at’ Ico gikōko ca kane kizoba ubgami bga kane kw isi, kandi buzoba bufise itandukaniro n’ubundi bgami bgose, buzotabagura isi yose, buyisiribange, buyijanjange.


Nitegereje ayo mahembe, mbona muri yo hameze akandi gahembe gatoya. Imbere yako hakūrwa amahembe atatu mu yar’ asanzwe. Maz’ ako gahembe nkabonakw amaso asa n’ay’ umuntu, n’akanwa kavuga ibihambaye.


Naritegereje ico gihe kubg’ ijwi rya ya magambo yo kwihayagiza ka gahembe kāvuga; nkiriko nditegereza, ca gikōko kiricwa, umuvyimba waco uraherengetera, utābga mu muriro urayigira.


Mw ijuru haboneka ikindi kimenyetso, igisato c’amahēro gisa n’ikibengebenge, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi, no mu mitwe yaco cambaye imigāra ndwi.


Hanyuma y’ivyo, mu vyo neretswe mw ijoro ngira ntya mbona igikōko ca kane, giteye ubgoba c’ubuyobe, kandi c’inkomezi nyinshi; cari gifise imihāha minini y’ivyuma; kiratabagura, kirajanjanga; ibisigaye kibisiribangisha amajanja yaco. Cari gifise itandukaniro n’ ibindi bikōko vyose vyacitangiye imbere; kandi cari gifise amahembe cumi.


Maze nca nifuza kumenya ivy’ ukuri vy’igikōko ca kane cari gifise itandukaniro na vya bindi vyose, kigatera ubgoba butavugwa, gifise imihāha y’ivyuma n’ ivyāra vy’imiringa, cātabagura kikajanjanga, ibisigaye kikabisiribangisha amajanja yaco.


Maze nitegereje mbona iryo hembe rirwanya abera, rirabanesha,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite