Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 7:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Nuko nēgēra umwe mu bari bahagazeho, ndamwinginga ngw ambarire ivy’ ukuri vyo mur’ ivyo vyose; arabimbgira, ammenyesha uko bisobanurwa.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 7:16
14 Referans Kwoze  

Umwe muri ba bakuru arambarira, ati Nta co urira; eh’ Intambge yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku gishitsi ca Dawidi, yaranesheje, ngw azingurure igitabo, amene ibikimatanije ndwi.


Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, umumarayika wundi aza kumusanganira:


Uruzi rw’ umuriro rwiburuka ruva imbere yiwe; ibihumbi n’ibihumbi baramukorera, kand’ amasinzi n’amasinzi bari bahagaze imbere yiwe. Imanza zirashingwa, ibitabo birazingururwa.


at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni wagendera mu nzira zanje, ukitondera ivyo nakujeje, nawe uzogaba ivyo mu ngoro yanje, urinde n’urugo rwanje, kandi nzoguha ubgishikira hagati mur’ aba bahagaze hano.


Ambgira antahuza, ati Daniyeli, ubu nzanywe no kukwungura ubgenge.


At’ Ivyo bikōko binini ukw ari bine, ni bo bami bane bazokwaduka bazukurutse mw isi.


Nuko yēgēra aho nari mpagaze; anshikiriye ncika ivutu, nikubita hasi nubamye; maz’ arambarira, at’ Umve, yewe mwana w’umuntu, ivyo weretswe n’ivy’ igihe c’iherezo.


Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Ivyo n’ibiki? Aranyishura, at’ Ayo ni yo mahembe yasābagije Abayuda n’Abisirayeli n’ab’i Yerusalemu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite