Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 7:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mu mwaka wa mbere Belushaza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Daniyeli yarose inzozi, abona ivyo yerekewe mu mutwe, ari ku buriri bgiwe. Maze yandika ivyo yarose, arobanuramw’ ingingo zavyo zikomeye.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 7:1
34 Referans Kwoze  

Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.


Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe.


Umwami Belushaza arondeza amazimano menshi, atumira abaganwa biwe igihumbi, na we yuhira igiturire ar’ imbere yabo.


Ndota inzozi zintera ubgoba; ivyiyumviro nagize ndi ku kirwa, bo n’ivyo nerekewe mu mutwe bimpagarika umutima;


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


Kamenyi ni yagira ico yarose, n’akirotore; kand’ ūfise ijambo ryanje n’ avuge iryo jambo adacishije i ruhande. Mbeg’ umuguruka uhwanye ute n’ingano? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,


Maz’ Uhoraho aranyishura, at’ Andika ivyo weretswe, uvyandike ku bisate mu nyuguti zisomeka, kugira ng’ ūbisoma anyarutse.


Maze jewe Daniyeli, umutima untunturiramwo, uhagarikwa n’ ivyo nabonye nerekewe mu mutwe.


Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.


Mu mwaka ugira kabiri Nebukadineza ari ku ngoma, yarose inzozi; nukw ahagarika umutima, itiro ryiwe riraguruka.


Arababarira, ati Ni mwumve amajambo yanje; asangwa muri mwebge har’ uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi.


Maze mw ijoro Imana ihamagara Isirayeli ari nko mu nzozi, iti Yakobo we! ewe Yakobo! Aritaba, ati Sabge!


Kand’ imituragaro ndwi imaze kuvuga nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw’ ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike.


Numva mpambīrwa kwirata, naho bitagira ikimazi. Ariko ngira mvuge ivyo kwerekwa no guhishurirwa n’Umwami wacu.


Kukw ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.


Mu mwaka ugira gatatu umwami Belushaza ari ku ngoma, jewe Daniyeli mbona ivyo neretswe bikurikira ivya mbere.


Hanyuma y’ivyo, mu vyo neretswe mw ijoro ngira ntya mbona igikōko ca kane, giteye ubgoba c’ubuyobe, kandi c’inkomezi nyinshi; cari gifise imihāha minini y’ivyuma; kiratabagura, kirajanjanga; ibisigaye kibisiribangisha amajanja yaco. Cari gifise itandukaniro n’ ibindi bikōko vyose vyacitangiye imbere; kandi cari gifise amahembe cumi.


Maze mur’ iryo joro nyene Belushaza umwami w’i Bukaludaya aricwa.


Ariko nawe, Belushaza, umwana wiwe, ntiwicishije bugufi mu mutima wawe, naho war’ uzi ivyo vyose;


Mu mwaka wa mirongwitatu, mu kwezi kwa kane, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari kumwe n’abājanywe ar’ inyagano turi ku ruzi Kebari; ijuru riruguruka, maze mbona ivyo neretswe bivuye ku Mana.


Nuko Yeremiya ahamagara Baruki mwene Neriya; maze Baruki yandika amajambo yose y’ Uhoraho mu muzingo w’igitabo, ayakūye mu kanwa ka Yeremiya, ukw ayamubgiye.


Kand’ amahanga yose azomusaba, asabe n’umwana wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushitsa igihe co kūzirwa kw’igihugu ciwe kigeze; ni ho amahanga menshi n’abami bahambaye bazomuhindura umuja na we.


None rero genda, uvyandike ku gisate imbere yabo, uvyandike no mu gitabo, kugira ngo mu bihe bizoza bibabere igishingantahe c’intahava.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Wābīre igisate kinini, ucandikeko mu nyuguti zisomeka, uti Bīhutira iminyago, bītera mw isahu.


Nciyumvira ivyiyumviro bivuye mw iravūta ryo mw ijoro, Igihe itiro ryinshi ritwaye abantu,


Hanyuma y’ivyo, ijambo ry’ Uhoraho riza kuri Aburamu nko mu nzozi, riti Aburamu, nta co utinya: ni jewe nkinzo yawe, uzohabga impēra ikomeye cane.


Nuko Yeremiya yābīra uwundi muzingo, awuha Baruki umukarani mwene Neriya, awandikamw’ amajambo yose ayakūra mu kanwa ka Yeremiya, yari muri ca gitabo Yehoyakimu umwami w’i Buyuda yaturiye: kandi hongerwakw ayandi majambo menshi asa na yo.


Mur’ ukwo kwerekwa n’Imana, mbona anjanye mu gihugu c’i Bgisirayeli, antereka ku musozi muremure cane, urikw icubatswe nk’igisagara aherekeye i bumanuko.


Umwami abaza Daniyeli, ari we Beluteshaza, ati Mbeg’ urashobora kummenyesha inzozi narose, n’ingene zisobanurwa?


Maze mu vyo nerekewe mu mutwe ndi ku kirwa, ngize ntya mbona umushibamyi kandi yar’ uwera amanuka ava mw ijuru,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite