Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 6:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nuko rero, mugenzi, shinga ico cihanikirizo, wisinye ku candiko caco, kugira ngo coye kuzohindurwa, nk’ukw ivyagezwe vy’Abamedi n’Abaperesi bidahinduka.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 6:8
11 Referans Kwoze  

Ba bagabo bongera gukondorera ku mwami, baramubgira, bati Mugenzi, umenye kw ar’icagezwe c’ Abamedi n’Abaperesi ngo nta cagezwe cank’ ibgirizwa umwami yashinze vyohinduka.


Umwami avyemeye, hoshingwa ibgirizwa ry’umwami, maze rikandikwa mu vyagezwe vy’Abaperesi n’Abamedi, rikoya guhinduka, yuko Vashiti atazokwongera guseruka imbere y’umwami Ahasuwerusi; kandi n’icubahiro ciwe c’ubgamikazi agihe uwundi amurusha kwubaha.


Baraza bavugira imbere y’umwami ivya ca cihanikirizo ciwe, bati Mbega ntiwasinye ku cihanikirizo washinze, yuko kumara imisi mirongwitatu umuntu wese azogira imana n’imwe asaba cank’ umuntu n’umwe, atari wewe, mugenzi, azotererwa mu rwobo rw’intambge? Umwami arabishura, ati Narabishinze koko, nk’ukw ivyagezwe vy’Abamedi n’ Abaperesi bishingwa ntibihinduke.


Bazobona ibara, abashinga ivyagezwe bitabereye, n’abanditsi bandika ibigoramye;


Nuko Moridekayi avyandika mw izina ry’umwami Ahasuwerusi, abidomakw ikimenyetso co ku mpeta y’umwami, arungika intumwa zijana ivyo vyete ziri ku mafarasi atebuka, akoreshwa ibikorwa vy’ umwami, yavutse mu ntorwa z’i bgami.


Bukeye ku musi w’icumi na gatatu w’ukwezi kwa mbere, bahamagara abakarani b’ umwami, bandika vyose nk’uko Hamani yabishinze, babirungikira ivyēgēra vy’umwami n’abaganza ibihugu vyiwe vyose, n’abaganwa bo mu mahanga yose, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bavyandika mw izina ry’ umwami Ahasuwerusi, babidomakw ikimenyetso co ku mpeta y’ umwami.


Nuko namwe ni mwandikire Abayuda, uko mugomba, mubandikire mw izina ryanje, mubidomekw ikimenyetso co ku mpeta yanje; kukw icanditswe cose mw izina ry’umwami, kikadomwakw ikimenyetso co ku mpeta yiwe, nta muntu ashobora kugihindura.


Hanyuma Esiteri yongera kuvugira imbere y’umwami, yikubita imbere y’inyundo ziwe, amwinginga arira, ngw akūreh’ inama mbi zāgīwe na Hamani Umwagagi, n’imigabo yiwe yari yagabiye kugirira Abayuda.


Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.


Peres, risobanurwa ng’ Ubgami bgawe buragabanganywe, buhawe Abamedi n’ Abaperesi.


Bakoranira hamwe gutera ubugingo bg’umugororotsi, Bagatsindisha amaraso adafise igicumuro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite