Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 6:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 abakuru bose b’igihugu, n’ivyēgēra vyawe, n’ abaganwa n’abacamanza n’abagabisha, bagiye inama ngo hashingwe icagezwe cawe, no gushirah’ icihanikirizo gihambaye, ngo kumara imisi mirongwitatu umuntu wese azogira imana n’imwe asaba, cank’ umuntu n’umwe, atari wewe, mugenzi, az’ atererwe mu rwobo rw’intambge.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 6:7
25 Referans Kwoze  

Kuko rāba, babundiye ubugingo bganje; Abahizi barankoraniye, Atari kubg’ icanje gicumuro cank’ icanje caha, Uhoraho.


Maz’ ivyēgēra vy’umwami n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama b’umwami bakoranye bitegereza abo bagabo, basanga umuriro utāshoboye kugira ico ubagira ku mibiri yabo, kandi n’umushatsi wo ku mitwe yabo utābabutse, n’imyinjiro yabo ata co yabaye, haba n’akarangu k’umuriro bonukako.


arik’ umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, mur’ ako kanya aca atererwa mw itanure ry’umuriro uhinda.


Nuk’ umwami Nebukadineza atuma gukoranya ivyēgēra vyiwe n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama bakuru, n’abazezwabintu n’abacamanza n’abashingantahe n’abatware bose bo mur’ ivyo bihugu, ngo baze guhezagira ico gishushanyo umwami Nebukadineza yari yahagaritse.


Nta kindi gituma baja inama, atar’ ukugira ngo bamutemvye ngw ave mu bukuru bgiwe; Bahimbarwa n’ibinyoma: Bahezagirisha akanwa, ariko bavumanisha imitima. Sela.


Arikw abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we,


Umutwenzi utambitse, uwo mwanya abaherezi bakuru n’abashingantahe n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe b’amakombe bose baja inama, baboha Yesu, baramujana, bamushikiriza Pilato.


baja inama yo gusuka Yesu ngo bamufate, bamwice.


Abafarisayo barasohoka, bamugīra inama ngo babone ingene bomwica.


Abunda mu kiryamo nk’ukw intambge ibunda mw isenga ryayo, Abundira gucakira umworo: Acakira umworo, akamukwegesha umugozi yamuteze.


Ereg’ intambge yahora itabagura ivyo guhimvya ivyana vyayo, ikanigira ingore zayo, ikuzuza amasenga yayo ivyo yishe, n’ivyobo vyayo ivyo yasahuye.


Yemwe bantu banje, enda ni mwibuke imigabo Balaki umwami w’i Mowabu yīgīriye, n’ico Balamu mwene Beyori yamwishuye; mwibuke n’ivyabaye uhereye i Shitimu ukageza i Gilugali, kugira ngo mumenye ivy’ ubugororotsi nakoze, jewe Uhoraho.


kandi ng’ Umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, atererwe mw itanure ry’umuriro uhinda.


Mbeg’ abagoreka imanza bazohūza nawe, Kand’ ari bo bagira ivyagezwe urwitwazo rwo kugira nabi?


Abami bo mw isi baragomoye, N’abakuru bahūrije ingingo hamwe Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta;


Kuko ba bandi bahūje umutima wo kuja inama, Ni wewe bashiriyeh’ amasezerano:


Nuk’ umwami apfa kubigera, bazana Daniyeli, bamuterera mu rwobo rw’intambge. Maz’ umwami abgira Daniyeli, at’ Imana yawe wama ukorera iragukiza.


Wewe nyene, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo, Mana y’ Abisirayeli, Vyuka ugīre amahanga yose, Ntugire abanyabicumuro babi ugirira ikigongwe. Sela.


Maz’ Abakaludaya bishura umwami mu rurimi rw’igisiriya, bati Mugenzi nyaguhoraho, uturotorere izo nzozi, twebge abasavyi bawe, duheze tukumenyeshe uko zisobanurwa.


Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira iminwa y’intambge, nta co zankozeko; kuko nabonetse imbere yayo ntagira igicumuro, kandi nawe, mugenzi, nta kibi nakugiriye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite