Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 6:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Nuko ku ngoma ya Dariyo no ku ngoma ya Kuro Umuperesi, Daniyeli agira ikiganza ciza.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 6:28
10 Referans Kwoze  

Nuko Daniyeli aguma ngaho, gushitsa ku mwaka wa mbere umwami Kuro ari ku ngoma.


Hanyuma mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Buperesi agiye ku ngoma, Uhoraho akangura umutima wiwe kugira ngw ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Nuko Kuro uwo mwami w’i Buperesi ashinga ko babitangaza mu gihugu ciwe cose, aranavyandika,


mvuga ivya Kuro, nti N’umwungere wanje, azoshitsa ivyo ngomba vyose; nkavuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwubakwa; nkabarira urusengero, nt’ Itanguriro ryawe rizoshirwaho.


Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa.


ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda. Non’ umuntu wese muri mwebge wo mu bantu biwe bose, Uhoraho Imana yiwe n’ibane na we, adūge ajeyo.


Peres, risobanurwa ng’ Ubgami bgawe buragabanganywe, buhawe Abamedi n’ Abaperesi.


Wacunguje abantu bawe ukuboko kwawe, Ni bo ruvyaro rwa Yakobo na Yosefu. Sela.


Ni wewe washizeh’ ibimenyetso n’ ibitangaza mu gihugu ca Egiputa, gushitsa no kur’ uyu musi, mu Bisirayeli no mu bandi bantu, ukīronkera izina rya rurangiranwa, nk’uko rimeze n’uyu musi;


Ni co gitumye nshinga icagezwe, yuk’ umuntu wese wo mu bgoko bgose cank’ ihanga canke wo mu bavuga indimi zitari zimwe, azovuga nabi Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, azohimbagurwa, kand’ urugo rwiwe ruzosigara ar’ itongo; kukw ata yindi mana iriho ishobora gukiza ben’ ubu buryo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite