23 Maz’ umwami aca aranezerwa cane, avuga ko bakūra Daniyeli muri rwa rwobo. Nuko Daniyeli akūrwa mu rwobo, nta n’agakwabu kabonetse kuri we, kuko yari yizigiye Imana yiwe.
maze batakambiye Imana mur’ iyo ntambara, irabumva kuko bayizigiye, irabatabara, igabura Abahaguri n’ abāri kumwe na bo bose mu maboko yabo;
Arababarira, at’ Erega ndabona abantu bane babohoye, bagendagenda mu muriro hagati, kandi nta co babaye; kand’ ishusho y’uwa kane isa n’iy’ umwana w’imana.
Yesu aramwishura, at’ Uvuze uti Namba wobishobora? Erega vyose bishobokera uwizeye.
Nuk’ umwami asubira mu ngoro yiwe, akesha ijoro adafūnguye, ata n’ivyo kumunezereza bamuzanira; ntiyaruha agoheka.
Uzozigama amahoro masa umuntu akwegamikako umutima wiwe, kukw akwizigiye.
Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.
Kand’ Uhoraho arabatabara, akabarokora, Abarokora mu banyakibi, akabakiza, Kuko bamuhungiyeko.
Bukeye bgaho barazinduka, bafata inzira ngo baje mu bugaragwa bg’i Tekowa; bagitangura kugenda, Yehoshafati ahagarara ngaho, aravuga, ati Ni muntege amatwi, yemwe Bayuda, namwe ababa i Yerusalemu; mwizere Uhoraho Imana yanyu, mubone gushikama; mwizere n’abavugishwa na we, mubone gutsinda.
bāheshejwe n’ukwizera gutsinda abami, no gukora ibigororotse, no kuronka ivyasezeranywe, no kuziba iminwa y’intambge,
Maz’ umwami yumvise iryo jambo biramutuntuza, ashira umutima kuri Daniyeli kugira ngw amukize; yihambirira ku vyo kurokora Daniyeli gushitsa izuba rirenze.
Nuko Hiramu yumvise amajambo ya Salomo aranezerwa cane, aravuga, at’ Uyu musi Uhoraho ashemagizwe, kuko yahaye Dawidi umwana w’incabgenge wo kuganza iryo hanga rihambaye.
Maze Yetiro anezerezwa n’ivyiza vyose Uhoraho yakoreye Abisirayeli, kuko yabarokoye, akabakūra mu maboko y’Abanyegiputa.
Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi.
Kuko nitondeye inzira z’ Uhoraho, Kandi sinakoze icaha co kureka Imana yanje: