Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 6:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kand’ ashira hejuru yabo abakuru batatu bo kubaganza, umwe muri bo yari Daniyeli; kwar’ ukugira ngw abo baganwa babashikirize ivyo bātoje, ng’ umwami ntagire ico ahomba.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 6:2
14 Referans Kwoze  

Maze Belushaza agera ko bambika Daniyeli impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kandi ko bamamaza kw azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Ariko numvise weho k’ushobora gusobanura ibintu, kandi k’uri gasobanuzi k’ibisobanye: nuko rero ni washobora kunsomera iyo nyandiko, no kummenyesha ukw isobanurwa, urambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kand’ uzoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


kuko twe n’ubgoko bgacu twaguzwe, ngo tugesezwe, twicwe, duhone. Iyo tuba twaraguzwe ngo tuje mu buja gusa, nocereje, kuko naho vyodukomereye cane, sinorinze kugora umwami.


Kandi mwame mugavye ntimureburure mur’ ivyo, kugira ngw ikibi ntikigwire, abami bagakehanirwa.


Kand’ ababgiriza babagomba ko baboneka ar’ abizigirwa.


Aramuhamagaza, aramubaza, at’ Ivyo nkwumvako n’ibiki? Harūra igitigiri c’ivyo wabīkijwe, kuk’ utagikwiye kuba umubgiriza wanje.


Ni co gituma ubgami bgo mw ijuru busa n’umwami yagomvye gusuzuma ivyo yabīkije abantu biwe.


Ūtumye igipfu Aba yīcīye ibirenge, yihamagariye ubuhombe.


Ukuramba kuri mu kuboko kwabgo kw’i buryo, Mu kubamfu kwabgo harimw’ ubutunzi n’icubahiro.


Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.


Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Maze Dariyo abona kw ari vyiza kugabanganya igihugu abaganwa ijana na mirongwibiri, ngo bakwire igihugu cose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite