Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 6:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Nuk’ umwami asubira mu ngoro yiwe, akesha ijoro adafūnguye, ata n’ivyo kumunezereza bamuzanira; ntiyaruha agoheka.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 6:18
16 Referans Kwoze  

Mu mwaka ugira kabiri Nebukadineza ari ku ngoma, yarose inzozi; nukw ahagarika umutima, itiro ryiwe riraguruka.


Iryo joro nyene umwami abura itiro; aca avuga ko bazana igitabo kidonda ibigenda biba ku ngoma yiwe, nuko bagisomera umwami.


Ufata ibigohe vy’amaso yanje kugira ngo simpumirize: Mpagaritse umutima bituma ntashobora kuvuga.


Ntihazokwumvikana ukundi muri wewe ijwi ry’abacuraranzi n’iry’ abaririmvyi, n’iry’ abavuza imyironge n’iry’ abavuza inzamba; kandi nta muhinga w’umunyabuhinga bgose agisubira kuboneka muri wewe ukundi, kand’ ukuvuga kw’urusyo ntikugisubira kwumvikana muri wewe ukundi.


kandi nirundiye ifeza n’izahabu, bo n’itunga riherereye ku bami rivuye mu ntāra zose; nirondereye abaririmvyi b’abagabo n’abakobga, bo n’ibinezereza abana b’abantu, ni vyo ncoreke nyinshi cane.


Ku biti vyaho Ni ho twari tumanitse inanga zacu.


Baririmbisha udushako tw’ ingoma n’inanga, Bakanezererwa ijwi ry’umwironge.


Maze Ahabu yumvise ayo majambo, aca yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara amagunira, arisonzesha, aryama mu magunira nyene, agenda yifumbereje.


Na Mefibosheti umwuzukuru wa Sauli aramanuka, aza gusanganira umwami; uhereye umusi umwami yagīriye, ugashitsa umusi yagarukiye i we amahoro, ntiyongeye kwiyoga ibirenge, canke ngw aringanize ubganwa, canke ngw amesure impuzu.


Ijoro rikeye mu mutwenzi umwami aravyukuruka, agenda yihuta aja kuri rwa rwobo rw’intambge.


Nta binōbōye narya, nta nyama canke vino vyangera no mu kanwa kandi sinaruha nīsīga amavuta, gushitsa ah’ ayo mayinga ukw ar’ atatu yose ashiriye.


Batsinze ubugingo bganje mw ibohero i bgina, banyubikakw ibuye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite