Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 6:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Baca bishura umwami, bat’ Ariko Daniyeli we wo mu banyagano b’Abayuda, ntaruha akubara, mugenzi, canke ca cihanikirizo wasinyeko, arikw asenga gatatu‐gatatu ku musi.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 6:13
9 Referans Kwoze  

Nuko rero harih’ Abayuda bamwe wahaye gutwara mu gihugu c’i Babuloni, ni Shaduraka na Meshaki na Abedunego: abo bagabo, mugenzi, ntibaruha bakubara, ntibasaba imana zawe, kandi ntibasenze ca gishushanyo c’izahabu wahagaritse.


Maze Petero n’intumwa barabishura, bat’ Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.


Nuko Ariyoki aca yinjirana Daniyeli amushikiriza umwami, aramubgira, ati Mbonye umuntu wo mu banyagano b’Abayuda, arakumenyesha ukw izo nzozi zisobanurwa, mugenzi.


Nuko Daniyeli bamurengukana imbere y’umwami. Umwami abaza Daniyeli, ati Mbega ni wewe Daniyeli wo mu banyagano b’Abayuda, umwami data yanyaze i Buyuda?


Nuko Hamani abarira umwami Ahasuwerusi, ati Harih’ ubgoko busābagiye, bukwiragiye mu mahanga yo mu bihugu vyawe vyose; kand’ ivyagezwe vyabo nta ho bihūriye n’ivy’ ayandi mahanga yose, kandi ntibitondera ivyagezwe vyawe, mwami: ni co gituma, mwami, bitabereye gupfa kubarekera ngaho.


Nuko muri bo, mu bo mu muryango wa Yuda, hāri Daniyeli na Hananiya na Mishayeli na Azariya.


kandi Yasona yabashembereje: abo bose barenze ivyagezwe vya Kayisari, bavuga yuko harih’ uwundi mwami, ngo ni Yesu.


Maz’ uwo mwanya Abakaludaya bamwe bīgira hafi barega Abayuda.


kandi ng’ Umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, atererwe mw itanure ry’umuriro uhinda.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite