Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 5:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 5:7
28 Referans Kwoze  

Maze Belushaza agera ko bambika Daniyeli impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kandi ko bamamaza kw azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Ariko numvise weho k’ushobora gusobanura ibintu, kandi k’uri gasobanuzi k’ibisobanye: nuko rero ni washobora kunsomera iyo nyandiko, no kummenyesha ukw isobanurwa, urambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kand’ uzoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Maz’ umwami akuza Daniyeli, amuha ingabire nyinshi zikomeye, amuha igihugu muri Babuloni, no kuba umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni.


Ariko ni mwadondōra izo nzozi n’ingene zisobanurwa, nzobagabira, mbatasure, mbahe icubahiro cinshi: nuko rero ni mundondōrere izo nzozi n’ingene zisobanurwa.


Umwami aca ahamagaza abanyamarēba n’abapfumu n’abarozi n’Abakaludaya, ngo bamubarire inzozi ziwe. Nuko bararenguka, bahagarara imbere y’umwami.


Ngusakarak’ utugenegene, nkwambika imiringa ku maboko n’umugufu mw izosi.


Wacumukujwe n’abakugīra inama benshi; abaragurisha ijuru, n’abaragurisha inyenyeri, na bamwe bahora bakumenyesha ibigira bikubeko, uk’ ukwezi kubonetse, ni baze bagukize.


asemerera n’ijwi rirenga, ati Ni wīcire ico giti, ugikokore amashami, ugihungurure amababi, usābagize ivyo camye: ibikōko bikive musi, kandi n’ibiguruka bive mu mashami yaco.


Imisaya yawe itewe gushaza n’ibitsibo vy’umushatsi wawe, N’izosi ryawe rishazishijwe n’utugenegene tw’igiciro kinini.


Kuko bizokubera umugāra w’ubuntu mu mutwe, N’imigufu mw izosi.


Maze hanyuma y’ivyo umwami Ahasuwerusi akuza Hamani mwene Hamedata, Umwagagi, amushira hejuru, intebe yiwe ayisumbisha iz’ abaganwa bose basabanye.


Abisirayeli baravuga, bati Ntimubona uriya mugabo adūze? Adūganywe no gucōkōra Abisirayeli, nta kindi. Umuntu yomwica, umwami azomugororera vyinshi, kand’ azomushingira umwana wiwe, akūre n’inzu ya se kw ikori mu Bisirayeli.


None genda mva imbere, taha i wawe. Nari niyumviriye kuguha icubahiro, ariko non’ Uhoraho arakikwimishije!


ngo Kukw azoguha icubahiro cinshi, kandi ngw Ico uzogomba cose ni co azogukorera: none ngo N’uze, arakwinginze, umuvumire abo bantu.


Abakuru b’i Mowabu n’ab’i Midiyani bakora ingemu baragenda, baja kwa Balamu, bamubarira amajambo ya Balaki.


Bukeye, ahagarika umutima, atuma guhamagaza abanyamareba bose bo muri Egiputa n’abanyabgenge baho bose: Farawo abarotorera inzozi ziwe: ariko ntihagira ūshobora kuzimusobanurira.


Farawo na we ahamagaza abanyabgenge n’abapfumu: abo ni bo banyamarēba bo muri Egiputa, na bo babigira bartyo, babikoresheje amarēba yabo.


Inkota iri ku Bakaludaya, ni k’Uhoraho agize, no ku baba i Babuloni, no ku baganwa baho, no ku banyabgenge baho.


b’imisore batagira agasembga, ariko b’indanga, bar’ uburyo mu vy’ubgenge bgose, b’abahanga mu vyo kumenya, b’insorongozi mu vy’ubgenge, kandi babereye gukora i bgami; kugira ngw abigishe inyandiko y’Abakaludaya n’ururimi rwabo.


Mw ijambo ryose ry’ubgenge no kumenya, ico umwami yababaza, yasanga barusha abanyamarēba n’abapfumu bose bo mu gihugu ciwe cose ibihetangabo cumi.


Daniyeli yishura umwami, at’ Ibanga wasobanuza nta banyabgenge boshobora kurikumenyesha mwami, cank’ abapfumu cank’ abanyamarēba cank’ abamenyi;


kuko mu gihugu cawe har’ umuntu arimw’ impwemu z’imana zera. Kandi ku ngoma ya so umuco no gutahura n’ubgenge buhwanye n’ubgenge bg’izo mana vyabonetse muri we. Kandi so umwami Nebukadineza, umwami so yakuvyaye, yamugize umukuru w’abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi;


Kandi bari bamaze kunzanira abanyabgenge b’abapfumu kugira ngo bansomere iyo nyandiko, bammenyeshe ukw isobanurwa; ariko ntibashoboye kuvuga uko bisobanurwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite