Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maze mu nyonga h’ umwami harahindurira, ivyiyumviro vyiwe bimuhagarika umutima; ingingo z’amatako yiwe ziradohoka, amavi arakomangana.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 5:6
21 Referans Kwoze  

Hasigaye ubusa, barahogeje, bahasize ar’ umusaka; umutima wahavuyemwo, amavi arakomangana, ukwihebura kuhaciye umugongo, mu maso ha bose harajonjogoye.


Ayo majambo agarukiye aho. Ariko jewe Daniyeli ivyiyumviro vyanje bimpagarika umutima, mu maso hanje harahindurira; arikw ayo majambo ndayabīka mu mutima wanje.


Amaboko yose azodendebuka, n’amavi yose azoregarega acike nk’ amazi.


Ndota inzozi zintera ubgoba; ivyiyumviro nagize ndi ku kirwa, bo n’ivyo nerekewe mu mutwe bimpagarika umutima;


Maze ni bakubaza, ngw Igituma uniha n’ iki? uz’ ubabgire, uti Mbitewe n’ inkuru mbi y’ibigira bize; umutima wose uzohababuka, amaboko yose adendebuke; umushaha wose uzocika ivutu, n’amavi yose aregarege acike nk’amazi: ehe biraje, bigira bishireko, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Amaso yabo n’ahumwe, ntibabone; Wame uhindisha agashitsi ikiyunguyungu cabo.


Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.


Nuko mugorore amaboko acitse urudendevu, n’amavi aregarega:


Maze Nebukadineza uburake buca buramusaza, mu nyonga hiwe harahindurira, atera igitsure Shaduraka na Meshaki na Abedunego: agera ko bakomanya itanure ngo rirushe uko ryahora ryaka ibihetangabo ndwi.


Mu mwaka ugira kabiri Nebukadineza ari ku ngoma, yarose inzozi; nukw ahagarika umutima, itiro ryiwe riraguruka.


Mukomeze amaboko areganutse, mugumishe amavi aregarega.


Muri bo nta wuzoruha canke ngw atsitare, nta wuzohunyiza canke ngw asinzire; n’umukanda bakenyeje ntuzokenyuruka, kandi n’utugozi tw’inkweto zabo ntituzocika;


Nsutswe nk’amazi, Amagufa yanje yose aradohotse, Umutima wanje umeze nk’ ishashara, Uyagiye hagati mu mara yanje.


Buno nyene haboneka intoke z’umuntu zandika ku gihome c’igisika mu ngoro y’umwami, ahahanganye n’igiteretswekw amatara; umwami abona ico gihimba c’igikonjo candika.


Umwami w’i Babuloni yumvise inkuru zavyo, amaboko yiwe arareganuka: uburibge buramufashe, nk’ibise vy’umugore aramutswe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite