30 Maze mur’ iryo joro nyene Belushaza umwami w’i Bukaludaya aricwa.
Intabaza imwe izohūra n’iyindi, n’intumwa imwe ihūre n’iyindi, ngo bamenyeshe umwami w’i Babuloni yukw igisagara ciwe gitsinzwe impande zose:
Kandi nzoboreza abaganwa baho n’abanyabgenge baho, bo n’abagabisha baho, n’abahaganza n’abahizi baho; bazosinzira itiro ry’intashira, ntibikangure ukundi, ni jewe Umwami mbivuze, izina ryanje nd’ Uhoraho Nyen’ ingabo.
Bamaze kuborerwa nzobategurira amazimano, kandi nzobaboreza kugira ngo banezerwe, basinzire itiro ry’intashira, batazokwikangura ukundi, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe.
Arikw ivyo vyompi bizokugwako umusi umwe, kubura abana no gupfakara: bizogushikako uko vyakabaye, nah’ ubupfumu bgawe bgoba bginshi bute, n’ amahezayo yawe akaba isinzi.
Naguteze umutego, nawe uca urafatwa ata co winona, ewe Babuloni: wararushe uraboneka, utak’ urafatwa, kuko warwanije Uhoraho.
Nuko ni co gituma bazogenda ar’ aba mbere mu bambukanwa ar’ inyagano, kand’ ibinezaneza vy’abīshanyangira ku misezero bizoshira,