Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 5:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 5:23
47 Referans Kwoze  

Ni we afise mu kuboko kwiwe ubugingo bg’ikintu cose kizima, N’impwemu z’ababaho bose.


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.


Uwo watonganije ukamurogotako ni nde? Ni nde wirahiye akararamango ukamurābana agakēngērwe? Erega ni jewe Uwera w’Abisirayeli.


Kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo afitiye umusi ivyibona vyose n’ivyivuna, n’ivyishira hejuru vyose, kandi bizocishwa bugufi.


Ni muhamagare abarashi bakoranire kurwanya Babuloni, abazi gufora imiheto bose; musagaze hirya no hino yaho; ntihagire uwaho acika: muhīhōre ibikwiranye n’ibikorwa vyaho, muhasubirize mu nkōko ibikwiranye n’ivyo hākoze; kuko hinantaje k’Uhoraho, k’Uwera w’ Abisirayeli.


Urugendo rw’umuntu ruva k’ Uhoraho; Non’ umuntu buntu yotahura inzira yiwe ate?


Mbega yo yo ntiyitegereza inzira zanje, Igaharūra intambuko zanje zose?


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


bātereye imana zabo mu muriro; ariko ntizar’ imana nya mana, zar’ izakozwe n’intoke z’abantu mu biti no mu mabuye; ni co catumye bazihonnya.


Usorongora inzira zanje n’ iryama ryanje, Urazi iminyuro yanje yose.


Nka ko waratsinze Abanyedomu, uraheza wishira hejuru mu mutima wawe: ego ni wihaye, arik’ ugume i muhira; n’iki gituma ugomba kwikwegera akaziri, mugapfa mwe n’ Abayuda?


Kandi ntakwiye kuba muto mu kwizera, kugira ngo ntiyikakishe, ngw atembe, agacirwakw iteka wa Murwanizi yaciriweko.


Nuko, ku vyo kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, turazi yukw igishushanyo atar’ ikintu mw isi, kandi yukw ata mana yindi iriho, atar’ Imwe.


kandi ntikorerwa n’amaboko y’abantu, nk’ūri n’ic’ akennye: kukw ari yo yahaye bose ubugingo, no guhumeka, n’ibindi vyose.


Rāba, umutima wiwe urīkakishije, ntutunganye: arik’ umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera kwiwe.


Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko cabaye kirekire, ubushorishori bgaco bugashika mu bicu, kand’ uburebure bgaco bugatuma umutima waco wishira hejuru:


Ubgiza bgawe ni bgo bgateye umutima wawe kwishira hejuru, igitinyiro cawe ni co cononnye ubgenge bgawe; ngutsinze hasi, nkurambitse imbere y’abami ng’ubabere akabarore.


ubgenge bgawe bginshi n’ubudandaza bgawe vyatumye ugwiza ubutunzi, maz’ ubgo butunzi bgawe bgateye umutima wawe kwishira hejuru.


riti Mwana w’umuntu, barira segaba w’i Tiro, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umutima wawe ko wishize hejuru, kand’ ukavuga, ng’ ur’ Imana, ng’ uvyagiye ku ntebe y’Imana hagati mu kiyaga; yamar’ ur’ umuntu buntu, ntur’ Imana, naho mu mutima wawe wigereranya na yo;


Uku ni kw Imana Uhoraho agize, uwaremye amajuru akayāgānura, uwagaranzuye isi n’ivy’ imera, uwahaye abantu bo muri yo guhumeka, kand’ abayigendako akabaha ubugingo:


Uhoraho aravuga, ati Hinge mvyaguruke non’ ubu, non’ ubu ngira mpaguruke, non’ ubu ngira nishire hejuru.


Impwemu ziwe zimuvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; Uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.


Amajuru n’amajuru y’Uhoraho, Arikw isi yayihaye abana b’abantu.


Uhisha mu nyonga hawe, bigahinda agashitsi: Ubikūramw’ impwemu, bigaca bipfa, Bikīsubirira mu mukungugu wavyo.


Hanyuma abaganwa b’Abafilisitiya bakoranira gutanga ibimazi vyinshi babiha Dagoni imana yabo no kunezerwa, kuko bāvuga, bat’ Imana yacu yagabuye umwansi wacu Samusoni mu maboko yacu.


Ahezagira Aburamu, at’ Uragahabga umugisha n’Imana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi:


Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubugingo; umuntu aca aba ūfise ubugingo.


Abantu bārokotse, batishwe n’ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni n’ibigirwamana vy’izahabu n’ivy’ ifeza n’ivy’ imiringa n’ivy’ amabuye n’ivy’ ibiti, bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda:


Kandi nzohana ab’ isi kubg’ ibibi vyabo, n’abanyakibi kubg’ ukugabitanya kwabo; nzomara amanyama abibone, n’ ukwishira hejuru kw’abantu b’ agaterabgoba nzogusubiza hasi.


Wari warībariye mu mutima, uti Nzodūga nje mw ijuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’Imana; uti Nzovyagira ku musozi w’ikoraniro mu ruhande rw’ impera y’i burārūko;


Muhaboreze, kuko hinantaje k’ Uhoraho; nuko Mowabu hazokwivurunga mu bidashwe vyaho, hacike agatwengo.


Maze Dawidi abaza abantu bahagaze i ruhande yiwe, at’ Uwokwica uwo Mufilisitiya, agakūra igitutsi ku Bisirayeli, bomugororera iki? Mbeg’ uwo Mufilisitiya w’intakebga n’iki, ah’ acōkōra ingabo z’Imana nzima?


Non’ umusavyi wawe ko namaze kwica intambge n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebga azopfa nka kimwe muri vyo, kuko yacōkōye ingabo z’Imana nzima.


Ni mwumve ingene bahunga, bacika bava mu gihugu c’i Babuloni, ngo bamamaze i Siyoni uguhōra kw’Uhoraho Imana yacu, uguhōra yahōye urusengero rwiwe!


Nuko ryīgira agahambaye, mbere ryiringaniza n’umugabisha w’izo ngabo, rimunyaga ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, inyubako z’ahēra hiwe zirasangangurwa.


Amaze kujana izo ngabo kw inyagano, azokwikakisha mu mutima; ariko nah’ azoba ahindikiranije ingabo ibihumbi n’ibihumbi, ntazoba anesheje rwose;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite