22 Ariko nawe, Belushaza, umwana wiwe, ntiwicishije bugufi mu mutima wawe, naho war’ uzi ivyo vyose;
Ntiyicisha bugufi imbere y’ Uhoraho, nk’uko se Manase yicishije bugufi, ariko Amoni uwo agenda arushiriza gucumura.
Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.
Nuk’ ūzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha.
na we akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona kw ari bibi; ntiyicisha bugufi imbere y’uwavugishwa n’ Imana Yeremiya, iy’ amubariye ibiva mu kanwa k’Uhoraho.
Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it’ Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.
Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.
Kand’ uwo mushumba yar’ azi ivyo shebuja agomba, ntiyitegure, ntakore ivyo agomba, azokubitwa nyinshi.
Kuko Yohana yaje muri mwebge agendera mu nzira yo kugororoka, kandi ntimwamwemera. Arikw abatozakori n’abasambanyikazi baramwemeye. Namwe mubibonye, no hanyuma ntimwirimbura ngo mumwemere.
Kuko Yohana yari yarabgiye Herode, ati N’ikizira k’umwābiriye.
Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.
Umunyavyaha naho yogirirwa neza nta ho yokwiga kugororoka; mu gihugu c’ubugororotsi azohakorera ibigabitanyo, kandi ntazoruha yitegereza ubgiza bg’Uhoraho.
Nzovugira imbere y’abami ivyo wihanikirije, Simmāramāre.
Kandi nzohana ab’ isi kubg’ ibibi vyabo, n’abanyakibi kubg’ ukugabitanya kwabo; nzomara amanyama abibone, n’ ukwishira hejuru kw’abantu b’ agaterabgoba nzogusubiza hasi.
Wari warībariye mu mutima, uti Nzodūga nje mw ijuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’Imana; uti Nzovyagira ku musozi w’ikoraniro mu ruhande rw’ impera y’i burārūko;