Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 5:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Nuko yirukanwa mu bantu, umutima wiwe uhindurwa nk’uw’ ibikōko, aba hamwe n’indogoba z’inyeshamba, arisha nk’inka, kand’ umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre; gushitsa aho yamenyeye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabgimikamw’ uwo igomba wese.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 5:21
15 Referans Kwoze  

ng’ Uzokwirukanwa mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba, uzorisha nk’inka, uzotondwako n’urume ruva mu kirēre, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’ abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Maz’ ibiti vyose vyo mw ishamba bizomenya yuko jewe Uhoraho nacishije bugufi igiti kirekire, nshira hejuru igiti kigufi, numishije igiti gitotahaye, ntotahaza igiti cumye: jewe Uhoraho narabivuze, ndabishitsa.


Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki?


Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


Ni nde yarekuye indogoba z’ ibinyeshamba ngo zigende aho zigomba? Canke ni nde yazizituye ku biziriko?


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.


asemerera n’ijwi rirenga, ati Ni wīcire ico giti, ugikokore amashami, ugihungurure amababi, usābagize ivyo camye: ibikōko bikive musi, kandi n’ibiguruka bive mu mashami yaco.


ico giti ni wewe, mugenzi; warakuze, urakomera, kuk’ ubukuru bgawe bgakuze bugashika kw ijuru, n’inganji yawe igashika ku mpera y’isi.


Kandi nk’uko bāgeze kw igishitsi n’imizi vy’ico giti birekerwaho, ni k’ubgami bgawe buzogumaho ar’ ubgawe, gushitsa umaze kumenya kw ijuru ari ryo riganza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite