Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 5:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ariko yishize hejuru, yikomantaje umutima bimuteye gukoresha ubugabo, ataramurwa ku ngoma, kandi bamwāka icubahiro ciwe.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 5:20
27 Referans Kwoze  

Ariko muhanūrane uko bukeye bicitwa uyu musi, ntihagire uwo muri mwebge akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha.


Barira umwami n’umugabekazi, uti Ni mwicishe bugufi, mwicare hasi, kukw ibitsibo vyanyu bishajije mwambaye mu mutwe biriko birakoroka.


Na we agarariza umwami Nebukadineza, kandi yari yaramurahije Imana; nukw agamika izosi, yikomantaza umutima, ntiyahindukirira Uhoraho Imana y’Abisirayeli.


Ariko banka kwumva; bashinga amazosi, nk’uko ba sekuruza batizera Uhoraho Imana yabo bāyashinga.


Uti Mbega n’ubu uracatangīra abantu biwe, ukanka kubarekura?


Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, Kand’ umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.


Ndababgire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuk’ uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana kur’ iki gisagara, no ku bindi bisagara vyose vyo hafi yaco, ivyago vyose nakigeneye, kuko bāgamitse amazosi yabo, bakanka kwumva amajambo yanje.


Umuntu wese w’ubgibone mu mutima n’igisesema k’Uhoraho; Vy’ukuri akazobura guhanwa!


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abahagarikiye Egiputa na bo bazogwa, kand’ ubgibone buterwa n’ ububasha bgaho buzocishwa bugufi; bazogwa bariritswe n’inkota, uhereye i Migidoli ugashitsa i Sevene, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Yewe wa mukobga uba i Diboni, manuka uve mu cubahiro cawe, wicare ahagadutse; kuk’ umunyazi w’i Mowabu adūze kukurwanya, yasanganguye ibihome vyawe bikomeye.


Manuka wicare mu mukungugu, wa nkumi y’i Babuloni; wa mukobga w’Abakaludaya, icara hasi hatari ku ntebe y’ubgami, kuk’ utazokwongera kuvugwa k’udibamye canke ko wāmikaye.


Har’ icotuma mukomantaza imitima nk’ukw Abanyegiputa na Farawo bagize? Mbeg’ imaze kwerekana ububasha muri bo, ntibāhavuye bakarekura abo bantu, bakīgīra?


Noneho mmenye yuk’ Uhoraho aruta izindi mana zose, ko yatsinze Abanyegiputa bāhora babihayagizako.


Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko cabaye kirekire, ubushorishori bgaco bugashika mu bicu, kand’ uburebure bgaco bugatuma umutima waco wishira hejuru:


Maz’ iyo mpfizi y’impene yīgira agahambaye bihebuje; imaze kugira ubushobozi, iryo hembe rihambaye rirakondoka; maze mu kibanza caryo hamera ayandi mahembe ane y’akarangabgami, yerekeye ibirēre bine vy’ijuru.


Nuk’ uwo mwami azokora uko yigombeye, yishire hejuru, yīgire agahambaye gasumba icitwa imana cose, kand’ azovuga ibitangaza vyo kurogota ku Mana nya mana, azororanirwa gushitsa ah’ uburake buzoshikira; kukw icashinzwe kitazobura gushika.


Farawo atuma kurāba, asanga hatapfuye na kimwe mu bitungano vy’Abisirayeli. Maz’ umutima wa Farawo urakomantara, ntiyarekura ubgo bgoko ngo bugende.


Ariko Hezekiya, ubuntu yagiriwe ntiyabumwishura, kuko yaciye yishira hejuru mu mutima; kubg’ ivyo uburake bg’Uhoraho buza kuri we no ku Bayuda no kuri Yerusalemu.


Kandi nk’uko bāgeze kw igishitsi n’imizi vy’ico giti birekerwaho, ni k’ubgami bgawe buzogumaho ar’ ubgawe, gushitsa umaze kumenya kw ijuru ari ryo riganza.


Nukw ivyo vyose bishika ku mwami Nebukadineza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite