Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 5:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 5:18
25 Referans Kwoze  

Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.


Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira ivyo neretswe vyavuye mw ijuru.


Nuko mugenzi, nkigenda mu mashōka, mbona umuco uvuye mw ijuru, urusha ukw izuba rica ibibatsi, unkayanganira irya n’ino, twe n’abo tugendanye.


Yamar’ Īsumba vyose ntiba mu zubakishijwe amaboko: nk’uk’ uwavugishijwe n’Imana yavuze,


Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira iminwa y’intambge, nta co zankozeko; kuko nabonetse imbere yayo ntagira igicumuro, kandi nawe, mugenzi, nta kibi nakugiriye.


Urirukanywe mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba; uzorisha nk’inka, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Mbonye kw ari vyiza guserura ibimenyetso n’ibitangaza Imana isumba vyose yankoreye.


Mbega mu kanwa k’Īsumba vyose ntihavamw’ ivyago n’ivyiza?


Canke kugoreka urubanza rw’ umuntu mu nyonga z’Īsumba vyose,


Kand’ amahanga yose azomusaba, asabe n’umwana wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushitsa igihe co kūzirwa kw’igihugu ciwe kigeze; ni ho amahanga menshi n’abami bahambaye bazomuhindura umuja na we.


Ariko wewe, Uhoraho, ushizwe hejuru gushitsa ibihe bitazoshira.


Kuk’ Uhoraho asumba vyose ateye ubgoba, N’Umwami ahambaye aganza isi yose.


Ndakunezererwa, nkiginagura; Ndaririmba ishimwe ry’izina ryawe, wewe Usumba vyose.


Nzoshima Uhoraho nk’uko bibereye ukugororoka kwiwe, Nzoririmba ntazira izina ry’ Uhoraho asumba vyose.


Igihe Īsumba Vyose yagabanganya amahanga amashamvu yayo, Igatandukanya amoko n’ayandi, Yashizeh’ imbibe z’amahanga, Nk’ukw igitigiri c’Abisirayeli kingana.


Amuyāgīsha neza, yubahiriza intebe yiwe kuyirutisha iz’ abandi bami bāri kuri we i Babuloni.


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


mut’ Uhoraho agize ngo Ni jewe naremye isi, n’abantu n’ibikōko biri kw isi, mbiremesha ubushobozi bganje bginshi n’ukuboko kwanje kurāmvuye; kand’ ivyo mbigabira uwo ngomba.


nuko rero nzokigabura mu kuboko kw’umuhizi wo mu mahanga; azokigira ukw agomba; nacirukanye ngihōye ivyaha vyaco.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Nuko yirukanwa mu bantu, umutima wiwe uhindurwa nk’uw’ ibikōko, aba hamwe n’indogoba z’inyeshamba, arisha nk’inka, kand’ umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre; gushitsa aho yamenyeye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabgimikamw’ uwo igomba wese.


Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite