Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 5:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Daniyeli yishura umwami, at’ Ingabire zawe n’uzigumirize, kand’ impēra zawe uzihe uwundi. Ariko ndasomera umwami iyo nyandiko, ndamumenyeshe ukw isobanurwa.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 5:17
8 Referans Kwoze  

Elisa aramwishura, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, uwo nsavye, nta kintu na kimwe nshobora kwābīra. Aramugōbēra ngw avyābīre, arikw aranka.


yuko ntazogira ikintu na kimwe co mu vyawe ntwara, naho koba akanyuzi cank’ akagozi k’inkweto, kugira ngo ntuz’ uvuge, uti Ni jewe natungishije Aburamu.


Petero aramubgira, at’ Ifeza zawe ziragapfana nawe, kuk’ ugira ngw ingabire y’Imana woyironkesha amahera.


Maze Belushaza agera ko bambika Daniyeli impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kandi ko bamamaza kw azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Ariko ni mwadondōra izo nzozi n’ingene zisobanurwa, nzobagabira, mbatasure, mbahe icubahiro cinshi: nuko rero ni mundondōrere izo nzozi n’ingene zisobanurwa.


Nzovugira imbere y’abami ivyo wihanikirije, Simmāramāre.


Aramubarira, ati Mbeg’ ugira ng’ umutima wanje ntiwajanye nawe, igihe wa mugabo yava mu mukogote wiwe agahindukira ngo muhūre? Mbeg’ iki n’igihe co kwākīra amahera n’imyambaro, n’imirima y’imyelayo n’iy’ imizabibu, n’intama n’ inka, n’abagurano n’abaguranokazi?


Elisa abarira umwami w’Abisirayeli, ati Dusangiye iki nawe? Genda usiguze ba kamenyi ba so na ba kamenyi ba nyoko! Umwami w’Abisirayeli aramwishura, at’ Oyaye, kuk’ Uhoraho yadukoranije tur’ abami batatu ngw atugabure mu maboko y’ Abanyamowabu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite