Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 5:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nuko Daniyeli bamurengukana imbere y’umwami. Umwami abaza Daniyeli, ati Mbega ni wewe Daniyeli wo mu banyagano b’Abayuda, umwami data yanyaze i Buyuda?

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 5:13
20 Referans Kwoze  

Baca bishura umwami, bat’ Ariko Daniyeli we wo mu banyagano b’Abayuda, ntaruha akubara, mugenzi, canke ca cihanikirizo wasinyeko, arikw asenga gatatu‐gatatu ku musi.


kuko mu gihugu cawe har’ umuntu arimw’ impwemu z’imana zera. Kandi ku ngoma ya so umuco no gutahura n’ubgenge buhwanye n’ubgenge bg’izo mana vyabonetse muri we. Kandi so umwami Nebukadineza, umwami so yakuvyaye, yamugize umukuru w’abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi;


Nuko Ariyoki aca yinjirana Daniyeli amushikiriza umwami, aramubgira, ati Mbonye umuntu wo mu banyagano b’Abayuda, arakumenyesha ukw izo nzozi zisobanurwa, mugenzi.


Nuko bene nyina baramubgira, bati N’uve ino, uje i Yudaya, abigishwa bawe na bo barābe ibikorwa ukora;


Nukw abavuye mu kinyago babigenza bartyo. Maze Ezira umuherezi na bamwe bo mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza, baratorwa, nk’ukw amazu yabo ari, bose bahamagarwa mu mazina yabo; nuko ku musi wa mbere w’ ukwezi kw’icumi baricara barabisuzuma.


Maz’ Abisirayeli n’abaherezi n’Abalewi, n’abandi bavuye mu kinyago, bagira umusi mukuru wo gushikiriza Imana iyo ngoro yayo banezerewe.


Maz’ abansi b’Abayuda n’ab’ Ababenyamini bumvise yukw abāvuye mu kinyago bubakira Uhoraho Imana y’Abisirayeli urusengero,


Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica.


Maze jewe Daniyeli nca ncika intege, mmara imisi ndwaye. Hanyuma mva hasi, nkora ibikorwa vy’umwami; ntangazwa n’ivyo neretswe, kandi nta wobitahura.


Mu mwaka ugira gatatu umwami Belushaza ari ku ngoma, jewe Daniyeli mbona ivyo neretswe bikurikira ivya mbere.


Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.


Maze Belushaza ahimvye igiturire, ahamagaza ibintu vy’imbombovu vy’izahabu n’ifeza, ivyo se Nebukadineza yari yaranyaze mu rusengero rw’i Yerusalemu, kugira ng’ umwami n’abaganwa biwe n’abamikazi biwe n’incoreke ziwe z’intoni babinyweremwo.


Maz’ umwami akuza Daniyeli, amuha ingabire nyinshi zikomeye, amuha igihugu muri Babuloni, no kuba umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni.


Nuko Daniyeli aguma ngaho, gushitsa ku mwaka wa mbere umwami Kuro ari ku ngoma.


Hanyuma batāngāza i Buyuda n’i Yerusalemu ngw abavuye mu kinyago bose bakoranire i Yerusalemu;


Mu mwaka ugira gatatu Yehoyakimu umwami w’Abayuda ari ku ngoma, Nebukadineza umwami w’i Babuloni yaje gutera i Yerusalemu, arahakikiza.


Umwami Imana agabura Yehoyakimu umwami w’Abayuda mu maboko yiwe, bo n’ibintu vy’imbombovu bimwe vyo mu ngoro y’Imana, abijana mu gihugu c’i Shinari mu nzu y’imana yiwe; ashira ivyo bintu mu nzu y’ ububiko bg’iyo mana.


Numvise bakuvuga ngw impwemu z’imana ziri muri wewe, kandi ng’ umuco no gutahura n’ubgenge bg’agahebuza bikubonekamwo.


Nuko muri bo, mu bo mu muryango wa Yuda, hāri Daniyeli na Hananiya na Mishayeli na Azariya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite