Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 5:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 kuko mur’ uwo muntu Daniyeli uwo umwami yise Beluteshaza, hābonetsemw’ ubgenge bg’agahebuza no kumenya no gutahura no gusobanura inzozi no kumenya amajambo ahiritswe, yabaye gasobanuzi k’ibisobanye. Enda rero, ni bahamagare Daniyeli, na we aravuga uko bisobanurwa.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 5:12
16 Referans Kwoze  

Maze Daniyeli aba agakomeye kuruta abandi bakuru n’abaganwa, kuko yarimw’ ubgenge bg’agahebuza; mber’ umwami yiyumvira kumwegurira kuganza igihugu cose.


Numvise bakuvuga ngw impwemu z’imana ziri muri wewe, kandi ng’ umuco no gutahura n’ubgenge bg’agahebuza bikubonekamwo.


Nuk’ uwo mukuru w’inkone abīta ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shaduraka, Mishayeli amwita Meshaki, Azariya amwita Abedunego.


Ariko numvise weho k’ushobora gusobanura ibintu, kandi k’uri gasobanuzi k’ibisobanye: nuko rero ni washobora kunsomera iyo nyandiko, no kummenyesha ukw isobanurwa, urambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kand’ uzoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Umugororotsi arōngōra mugenzi we, Arikw inzira y’abanyakibi irabazimiza.


Arik’ ubuheruka hinjira Daniyeli, ari we Beluteshaza nk’uko yitiriwe izina ry’imana yanje, ni we arimw’ impwemu z’imana zera; ndamurotorera inzozi zanje,


Abera bo mw isi Ni bo ntōre nnezererwa bonyene.


Ūvuga make aba ar’ ubgenge, Kand’ umugwaneza aba ar’ umuntu afise umutima.


ico ni co kintamisha, mbirwanira nk’uk’ ubushobozi bgiwe buri, bunkoreramwo bishimitse.


Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.


ni ko ga! Urusha Daniyeli ubgenge, nta gihishijwe uyoberwa!


Umwami abaza Daniyeli, ari we Beluteshaza, ati Mbeg’ urashobora kummenyesha inzozi narose, n’ingene zisobanurwa?


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


Maze ba bakuru n’abaganwa baherako barondera urwitwazo rw’ ico borega Daniyeli ku vy’igihugu; ariko bamuburak’ urwitwazo na rumwe cank’ igitiriganye; kuko yar’ umwizigirwa, ntabonekekw amafuti cank’ igitiriganye na kimwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite