Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 5:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 kuko mu gihugu cawe har’ umuntu arimw’ impwemu z’imana zera. Kandi ku ngoma ya so umuco no gutahura n’ubgenge buhwanye n’ubgenge bg’izo mana vyabonetse muri we. Kandi so umwami Nebukadineza, umwami so yakuvyaye, yamugize umukuru w’abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi;

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 5:11
19 Referans Kwoze  

Izo nzozi ni jewe umwami Nebukadineza nazirose; nuko rero Beluteshaza, enda vuga uko zisobanurwa, kw abanyabgenge bose bo mu gihugu canje badashoboye kummenyesha uko zisobanurwa; ariko weho urabishobora, kukw impwemu z’imana zera ziri muri wewe.


Numvise bakuvuga ngw impwemu z’imana ziri muri wewe, kandi ng’ umuco no gutahura n’ubgenge bg’agahebuza bikubonekamwo.


Ehe nguhaye bamwe bo mw isinagogi ya Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagōbēra kuza, bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze.


Abantu barasemerera, bati N’ijwi ry’imana, s’iry’ umuntu.


Ico utugobererako kiragoye, kandi nta wundi ariho yoshobora kucerekana imbere yawe, mwami, atar’ imana, na zo ntizibana n’abafise umubiri.


Kandi jewe incoreke yawe ngatako nkiyumvira, nt’ Ijambo ry’umwami wanje nyen’ ingoma rizondemesha; nti Kuk’ umwami ameze nk’umumarayika w’Imana ku vyo gutandukanya ibibi n’ ivyiza. Nuk’ Uhoraho Imana yawe az’ ahorane nawe.


Bukeye tugiye aho basengera, duhūra n’umwigeme arimwo dayimoni aragura, yar’ atungishije ba shebuja cane kubg’ iyo ndagu.


Maz’ ishengero ribonye ico Paulo akoze, bavuga n’ijwi rirenga mu Kinyalukawoniya, bat’ Imana zitumanukiyemwo zīshushanije n’abantu.


Farawo abaza abo bishikira biwe, ati Twobona hehe umuntu ameze nk’ uyu, arimw’ impwemu y’Imana?


ni ko ga! Urusha Daniyeli ubgenge, nta gihishijwe uyoberwa!


b’imisore batagira agasembga, ariko b’indanga, bar’ uburyo mu vy’ubgenge bgose, b’abahanga mu vyo kumenya, b’insorongozi mu vy’ubgenge, kandi babereye gukora i bgami; kugira ngw abigishe inyandiko y’Abakaludaya n’ururimi rwabo.


ni yo ihishura ivy’ amabanga y’iyo bihera; ni yo izi ibiri mu mwiza, kand’ umuco ubana na yo.


Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Ubgenge bgawe no kumenya kwawe vyaguhesheje ubutunzi, vyatumye urunda izahabu n’ifeza mu bubīko bgawe;


Ndota inzozi zintera ubgoba; ivyiyumviro nagize ndi ku kirwa, bo n’ivyo nerekewe mu mutwe bimpagarika umutima;


kubg’ ivyo mpamagaza abanyabgenge bose b’i Babuloni, kugira ngo bammenyeshe izo nzozi uko zisobanurwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite