Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umwami Belushaza arondeza amazimano menshi, atumira abaganwa biwe igihumbi, na we yuhira igiturire ar’ imbere yabo.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 5:1
11 Referans Kwoze  

mu mwaka ugira gatatu ari ku ngoma atumirira amazimano abaganwa biwe bose n’abamenyekana biwe; abahambaye b’i Buperesi n’i Bumedi, na ba segaba n’abaganwa b’ibihugu bakoranira imbere yiwe.


Maz’ Uhoraho Nyen’ ingabo yihishurira mu matwi yanje, arambgira, ati N’ukuri, ivyo bigabitanyo ntimuzopfa muvyogejwe ngo bibaveko, ni k’Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kur’ uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha inkomvorera no gukenyera amagunira:


Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.


Kandi nzoboreza abaganwa baho n’abanyabgenge baho, bo n’abagabisha baho, n’abahaganza n’abahizi baho; bazosinzira itiro ry’intashira, ntibikangure ukundi, ni jewe Umwami mbivuze, izina ryanje nd’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Bamaze kuborerwa nzobategurira amazimano, kandi nzobaboreza kugira ngo banezerwe, basinzire itiro ry’intashira, batazokwikangura ukundi, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ku musi ugira gatatu, ari wo musi wo kwibuka ukuvuka kwa Farawo, atumirira amazimano abamenyekana biwe bose; araheza abohora wa mukevyi mukuru na wa musukūzi mukuru hagati y’abo bamenyekana.


Inkota iri ku Bakaludaya, ni k’Uhoraho agize, no ku baba i Babuloni, no ku baganwa baho, no ku banyabgenge baho.


Maze mur’ iryo joro nyene Belushaza umwami w’i Bukaludaya aricwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite