35 Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki?
Igihimbaye Uhoraho cose ni co akora, Mw ijuru no mw isi, mu kiyaga n’i bgina hose.
ati Nzi yuk’ ushobora vyose, Kandi kw ata gishobora kubuza imigabo yawe.
Arikw Imana yacu iri mw ijuru, Yakoze ibiyihimbaye vyose.
Kuba mur’ uwo kwaduhesheje gucika ishamvu yayo, twashiriweho kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri,
Eka ndi yo, uhereye no ku musi w’itanguriro; kandi nta woshobora kugira ico arokora ngw agikūre mu kuboko kwanje. Jewe ico nkora, ni nde yokibuza?
ngo bashitse ivy’ ukuboko kwawe n’inama yawe vyari vyaragabiye vyose ko bizoba.
Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?
Ni nde yigeze kumenya ivyiyumviro vy’Uhoraho ngo yigishe Uhoraho? Ariko twebge dufise ivyiyumviro vya Kristo.
ati Mbeg’ umunyempāri yohāririza Īshobora vyose? Ūhāririza Imana, ni yishure!
Yagiye imigabo: none ni nde yoshobora kuyibuza? Kand’ ico umutima wayo ugomvye ni co ikora.
Iy’ itanze impore, ni nde yoyitsindisha? Iy’ itwikiriye mu nyonga hayo, ni nde yoshobora kuyibona? Ukw izigama ihanga ryose, ni kw izigama n’umuntu umwe;
N’inyabgenge mu mutima, n’inyabushobozi mu nkomezi: Ni nde yayikomantajek’ umutima, akaroranirwa?
Nuko Samweli amudōndera vyose, ntiyagira ico amuhisha. Maze Eli aravuga, ati N’Uhoraho: n’akore ico ashima.
ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.
Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.
Aramubaza, at’ Uri nde ga Mwami? Na we ati Ni jewe Yesu, uwo urik’ urahīga;
Nakwifurishije umutima wanje mw ijoro; mbere nzokurondeza umushaha wanje wose ubudahumeka; kukw iy’ imanza zawe ziroranye ziri mw isi, ababa mw isi biga kugororoka.
None kw Imana yabahaye ingabire imwe n’iyo natwe twahawe hamwe twizera Umwami Yesu Kristo, jewe nd’ iki gishobora gutāngīra Imana?
Yemwe mahanga mwese, ni mwumve ibi; Yemwe abari mw isi mwese, ni mutege amatwi:
Avyagiye ku ntebe y’icubahiro, Yitegereza ababa mw isi bose.
Erega wahinduye imisi yanje nk’intambge z’intoke; Igihe c’ukubaho kwanje kuri wewe ni nk’ubusa: N’ukuri umuntu wese, naho yivuza, n’impwemu zihumetswe gusa. Sela.
Kukw ijambo ry’umwami riri n’ububasha; kandi ni nde yomubaza, at’ Ico ukora n’igiki?
Kand’ igihugu ca Yuda kizohinduka igiteye ubgoba kuri Egiputa: ūzokibarirwa wese azotinya, kubg’ imigabo Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye kuri Egiputa.
Ni yo irokora igakiza, ikora ibimenyetso n’ibitangaza mw ijuru no mw isi, kandi ni yo yakūye Daniyeli mu menyo y’intambge.
Ni co catumye batakambira Uhoraho, bati Turakwinginze, ewe Uhoraho, twoye gupfa tuzira ubugingo bg’uyu muntu, kandi ntuduharūrekw amaraso y’ūdafise igicumuro, kuko wewe, Uhoraho, ukoze ico ugomvye.
Baja kubarira umwami w’i Yeriko, bat’ Erega kur’ uyu mugoroba haje abantu bo mu Bisirayeli, baje gutata igihugu.