Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 4:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Urirukanywe mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba; uzorisha nk’inka, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabugabira uwo igomba wese.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 4:32
22 Referans Kwoze  

Nuko yirukanwa mu bantu, umutima wiwe uhindurwa nk’uw’ ibikōko, aba hamwe n’indogoba z’inyeshamba, arisha nk’inka, kand’ umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre; gushitsa aho yamenyeye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabgimikamw’ uwo igomba wese.


mut’ Uhoraho agize ngo Ni jewe naremye isi, n’abantu n’ibikōko biri kw isi, mbiremesha ubushobozi bganje bginshi n’ukuboko kwanje kurāmvuye; kand’ ivyo mbigabira uwo ngomba.


kugira ngw amahanga yose yo mw isi amenye yuk’ ukuboko kw’Uhoraho gukomeye, batinye Uhoraho Imana yanyu ibihe vyose.


Mose aramwishura, ati Ni namara kuva mu gisagara, ndayira amaboko Uhoraho, imituragaro ishire, n’urubura ntirwongere kugwa: kugira ng’umenye yukw isi ar’iy’ Uhoraho.


Aramwishura, ati Hoba ejo. Na we aramubarira, ati Bizoba uk’ uvuze, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye n’Uhoraho Imana yacu.


Nuko none, Uhoraho Mana yacu, udukize, udukūre mu maboko yiwe, kugira ngw ibihugu vy’abami bose bo mw isi bamenye kw ari wewe Uhoraho wenyene.


Ut’ Ubu rero, agira agomore ivyago vyiwe vyose bitere umutima wawe, n’abanyarugo bawe, n’abantu bawe, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye na we mw isi yose.


kandi nzoguha itunga rihishijwe mu mwiza, n’ubutunzi bunyegejwe mu mpisho, kugira ng’ umenye kw ari jewe Uhoraho nguhamagaye mw izina, jewe nyene Imana y’Abisirayeli.


Maz’ ayisenze, iramwemerera, yumva ukwinginga kwiwe, imusubiza i Yerusalemu mu bgami bgiwe. Nuko Manase aca amenya yuk’ Uhoraho ari we Mana.


ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya;


Iryo jambo umwami akirikūra mu kanwa, haza ijwi rivuye mw ijuru, riti Yewe mwami Nebukadineza, ni wewe ubarirwa; ubgami ubukūwemwo.


Isūmira ico iteye: ni nde yoyikimiranya? Ni nde yoyibaza, at’ Ivyo ugira n’ibiki?


ati Nzi yuk’ ushobora vyose, Kandi kw ata gishobora kubuza imigabo yawe.


Arikw Imana yacu iri mw ijuru, Yakoze ibiyihimbaye vyose.


Igihimbaye Uhoraho cose ni co akora, Mw ijuru no mw isi, mu kiyaga n’i bgina hose.


Ereg’ amahanga ameze nk’ ima ry’amazi riri mu mubindi, agereranywa n’umukungugu ufashe ku munzane; rāba aterura ibizinga vyo mu kiyaga nk’ah’ ar’ akantu gato k’ubusa.


Imbere yiwe amahanga yose ni nk’ubusa; kuri we agereranywa nk’ah’ ari hanyuma y’ubusa, nk’akarēre kagaragara.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite