Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 4:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Iryo jambo umwami akirikūra mu kanwa, haza ijwi rivuye mw ijuru, riti Yewe mwami Nebukadineza, ni wewe ubarirwa; ubgami ubukūwemwo.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 4:31
25 Referans Kwoze  

Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.


Maz’ Imana iramubgira, iti Wa gipfu we, mur’ iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde?


Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


Data, shimagiza izina ryawe. Maz’ ijwi riva mw ijuru, riti Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza.


Peres, risobanurwa ng’ Ubgami bgawe buragabanganywe, buhawe Abamedi n’ Abaperesi.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


nuko, uku ni ko bisobanurwa, mugenzi, kandi n’ icagezwe c’Īsumba vyose kigushitseko, mwami wanje nyen’ ingoma:


Igihe agira ahāze inda yiwe, Imana izomusukak’ uburake bgayo bg’inkazi, Izobumucuncuburirako akirikw ararya.


Kuk’ ubugarariji ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana. Ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba ku ngoma.


Ariko noneh’ ubgami bgawe ntibuzohangama; Uhoraho aramaze kwironderera umuntu ameze nk’uk’ umutima wiwe ugomba; kandi ni we Uhoraho yashinze ngw az’ abe segaba w’abantu biwe, kuk’ utumviye ic’ Uhoraho yakugeze.


Ubgibone bg’umuntu buzomusubiza hasi, Arik’ uw’ umutima uciye bugufi azoronka icubahiro.


Uhoraho Nyen’ ingabo kw ari we yabigabiye, ni nde yobihindura? Kand’ ukuboko kwiwe ko kubānguye, ni nde yogupfunya?


Kandi nk’uko bāgeze kw igishitsi n’imizi vy’ico giti birekerwaho, ni k’ubgami bgawe buzogumaho ar’ ubgawe, gushitsa umaze kumenya kw ijuru ari ryo riganza.


Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?


Urirukanywe mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba; uzorisha nk’inka, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Ariko yishize hejuru, yikomantaje umutima bimuteye gukoresha ubugabo, ataramurwa ku ngoma, kandi bamwāka icubahiro ciwe.


Kandi Melekisedeki umwami w’i Salemu, umuherezi w’Imana Isumba vyose, azana imitsima na vino.


Ubgami bgawe n’ubgami bg’ ibihe bidashira, Ubugabe bgawe buzohangama uk’ urunganwe ruzogenda rukurikira urundi.


Ni yo irokora igakiza, ikora ibimenyetso n’ibitangaza mw ijuru no mw isi, kandi ni yo yakūye Daniyeli mu menyo y’intambge.


Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; numva arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kand’ ati Ni bamara guca ubgoko bgera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite