30 Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?
Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, Kand’ umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.
bahagaritswe kure no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe, bati N’ibara, n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni, wa gisagara c’inkomezi, kuko mw isaha imwe iteka uciriweko rigushikiriye!
Mu ruhanga afise izina ry’akabanga, ryanditswe ngo BABULONI HAHAMBAYE, NYINA WA BA MARAYA, KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYO MW ISI.
Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe nzohigūra nawe, ewe Farawo mwami wa Egiputa, wa ngona ihambaye, yigaramangira hagati y’inzūzi zayo, wagize ng’ Uruzi rwawe n’urwawe bgite, kandi ngo Ni wewe warwiremeye ubgawe.
Ca gisagara gihambaye kigabanywamwo gutatu, ibisagara vy’abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y’Imana, ngo hahabge agakarabo ka vino y’uburake bgayo bg’inkazi.
Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.
Baracokora, bakavugishwa ivy’ agahahazo n’ukugabitanya kwabo: Bavuga bīshize hejuru.
Umuntu afise icubahiro ntagire n’ubgenge Ameze nk’ibikōko bipfa gusa.
Umumarayika w’inkomezi araha ikibuye kimeze nk’igisyo kinini, agita mu kiyaga, at’ Uko ni ko Babuloni igisagara gihambaye kizotererwa kigenda imivuguvugu, kandi ntikizosubira kuboneka ukundi.
Nukw iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana.
Mutima wanje, himbaza Uhoraho. Uhoraho, Mana yanje, ur’ ūhambaye cane; Wisakaye igitinyiro n’icubahiro.
Amara imisi myinshi yerekana ubutunzi bg’ ubgami bgiwe bg’icubahiro, n’ igitinyiro c’ubugabe bgiwe bg’ agahebuza; ashitsa imisi ijana na mirongumunani.
Ubgami bgiwe bga mbere bgagarukira i Babeli no muri Ereki no muri Akadi n’i Kalune, mu gihugu c’i Shinari.
Umumarayika wundi wa kabiri akurikirirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo burake bg’ubushakanyi bgaco.
Ubgibone bg’umuntu buzomusubiza hasi, Arik’ uw’ umutima uciye bugufi azoronka icubahiro.
Kandi Babuloni, icubahiro c’amahanga y’abami, ubgiza bg’ubgibone bg’Abakaludaya, hazomera nk’uko vyabaye hamwe Imana yakomvomvora i Sodomu n’i Gomora.
Iryo jambo umwami akirikūra mu kanwa, haza ijwi rivuye mw ijuru, riti Yewe mwami Nebukadineza, ni wewe ubarirwa; ubgami ubukūwemwo.
Bagaheza bagahita nk’umuyaga, bagakomeza inzira, ar’ abanyabicumuro; kand’ inkomezi zabo bāzigize imana yabo.
Ubgibone buje, ni ho haza gutētērwa, Arik’ ubgenge bubana n’ abicishije bugufi.
kand’ uwabatoye mwempi akaza akakubgira, ati Habise uyu: ni ho uzomāramāra, ukagenda, ukicara inyuma y’abandi bose.