Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 4:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 None mugenzi, wemere inama nkugīra; reka ivyaha vyawe ukore ibigororotse, kand’ ureke ibigabitanyo vyawe ugirire akagongwe impahazwa; kugira ngo kumbure kuroranirwa kwawe kube kuramaze kabiri.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 4:27
44 Referans Kwoze  

Nta wubizi: kumbure Imana yohindukira, ikīgarura, ikareka uburake bgayo bg’inkazi, ntiduhone.


Nuko wihane ubgo bubi bgawe, usenge Umwami Imana, namba kumbure ivyo wiyumviriye mu mutima wawe wobiharirwa.


Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.


Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.


Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’ urukundo rubatere gukorerana.


Ibigabitanyo bikūrwaho n’ imbabazi n’ukuri, Kand’ abantu bakūrwa mu bibi no kwubaha Uhoraho.


Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana, kuk’ urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.


Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana.


atāgize uwo agunga, arikw akaba yarashubije ingwati nyeneyo; atāgize uwo anyaga ku gahahazo, arikw akaba yaragaburiye ūshonje, akambika impuzu uwambaye ubusa;


Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.


riti Mbeg’ urabonye ingene Ahabu yicishije bugufi imbere yanje? Ko yicishije bugufi artyo imbere yanje, sinzozana ivyo vyago ku ngoma yiwe, ariko ku ngoma y’ umuhungu wiwe ni ho nzozana ivyo vyago ku nzu yiwe.


Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.


Nzovugira imbere y’abami ivyo wihanikirije, Simmāramāre.


Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


Nuko kuko tuzi ingen’ ugutinya Umwami wacu kumeze, twemeza abantu, arikw Imana turayigaragarira: kandi rero nizigiye yuko tugaragarira n’imitima yanyu.


Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.


Nta wubizi: kumbure yohindukira, ikīgarura, ikabasigarana umuhezagiro, ni wo mafu y’amashikanwa n’ibiturire vyo gushikanira Uhoraho Imana yanyu.


ntaz’ abure kuyimusubiza izuba rikirenga, kugira ngw arāre mu mpuzu yiwe, amuhezagire; ivyo bizomubera ukugororoka imbere y’Uhoraho Imana yiwe.


Mwifurize amahoro igisagara, ico natumye mwambukanirwamwo, mugisengere Uhoraho: kuko kibaye amahoro namwe muzoba amahoro.


Yeremiya aramwishura, ati Ntibazobaguha. Ndakwinginze, wumvire Uhoraho mur’ ivyo nkubariye: ni ho uzomererwa neza, ukikiza.


Baravuga, bati Ngo twiyubakire igisagara, n’umunara uz’ ushikīre ijuru, kugira ngo twironkere izina rya rurangiranwa, twoye gusābagira mw isi yose.


Kandi muze mwirinde, mwoye kwiyumvira mu mitima yanyu, mut’ Ubutōre bgacu n’inkomezi zacu ni vyo vyaturonkesheje ubu butunzi.


Iyo ntatinya ibitutsi vy’abansi, N’ukw abarwanizi babo bovyita ukundi, Bakavuga, bat’ Ubuhizi bgacu buhambaye Ni bgo bgakoze ivyo vyose, s’ Uhoraho.


Ubgibone buje, ni ho haza gutētērwa, Arik’ ubgenge bubana n’ abicishije bugufi.


Kuko yavuze, ati Ni jewe nabikoze kubg’ inkomezi z’ukuboko kwanje no kubg’ ubgenge bganje, kuko nd’umuhanga: nakūyeh’ imbibe z’amahanga, nanyaze ubutunzi bgabo, nashubije hasi abahambaye nk’umuhizi:


Nuko rero ni wumve ibi, wewe wihaye ibihimbaro, ukicara ata co winona, ukīyāga mu mutima, uti Ni jewe ndiho, nta wundi atari jewe; sinzosigara nd’ umupfakazi, kandi sinzomenya kubura abana ic’ ari co.


Kuko widibamiye mu bubi bgawe ata co wicura, ukavuga, uti Nta wumbona; ubgenge bgawe n’ukumenya kwawe ni vyo bikujimije; wīyāga mu mutima, uti Ni jewe ndiho, nta wundi atari jewe.


uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe nzohigūra nawe, ewe Farawo mwami wa Egiputa, wa ngona ihambaye, yigaramangira hagati y’inzūzi zayo, wagize ng’ Uruzi rwawe n’urwawe bgite, kandi ngo Ni wewe warwiremeye ubgawe.


Kand’ igihugu ca Egiputa kizohinduka amatongo n’ imisaka: maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho. Ko wavuze ng’ Uruzi n’urwawe, ngo Ni wewe waruremye;


yemwe abahimbarwa n’ikintu kitagira ikimazi, mukavuga, ngo Mbeg’ inkomezi zacu si zo zāduhaye ububasha?


Bagaheza bagahita nk’umuyaga, bagakomeza inzira, ar’ abanyabicumuro; kand’ inkomezi zabo bāzigize imana yabo.


Ico ni ca gisagara cihaya, cahora cicaye ata co cinona, kikīyāgira mu mutima, kiti Ni jewe ndiho, nta wundi atari jewe! Ewe kuntu gicitse amatongo, n’ubugaramango bg’ibikōko! Umuntu wese azohaca azohavuzakw agahwa, ahadōdekw agatoke.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite