Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 4:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 nuko, uku ni ko bisobanurwa, mugenzi, kandi n’ icagezwe c’Īsumba vyose kigushitseko, mwami wanje nyen’ ingoma:

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 4:24
14 Referans Kwoze  

Asuka agakēngērwe ku bahambaye, Abayerereza mu bigunda bitagira inzira.


Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.


Uhoraho Nyen’ ingabo ni we yabigabiye, kugira ngw akengereze ubgibone bg’ icubahiro cose, kandi ngw agayishe abanyacubahiro bose bo mw isi.


Kandi yabihamangiye gushitsa ibihe bitazoshira; Yashinze icagezwe c’intahava.


Ndavuga rya jambo rishinzwe: Uhoraho yarambgiye, at’ Ur’ Ubura bganje, Uyu musi ndakuvyaye.


Ivyo ni vyo mugabane umunyakibi ahabga n’Imana, Ni yo ngero yagerewe na yo.


Mbonye kw ari vyiza guserura ibimenyetso n’ibitangaza Imana isumba vyose yankoreye.


Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.


Ibigabitanyo bikūrwaho n’ imbabazi n’ukuri, Kand’ abantu bakūrwa mu bibi no kwubaha Uhoraho.


Imbabazi n’ukuri ni vyo bizigama umwami, Kand’ ingoma yiwe ihangamishwa n’imbabazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite