Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 4:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 4:17
30 Referans Kwoze  

ng’ Uzokwirukanwa mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba, uzorisha nk’inka, uzotondwako n’urume ruva mu kirēre, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’ abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya;


Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.


kandi n’ivyoroshe vyo mw isi, n’ibikēngērwa, mbere n’ibitariho, Imana yarabitoranije ngw itītūre ibiriho:


Bukeye mu gishingo ciwe hazovyuka umuntu w’inkēngērwa, atāhawe icubahiro c’ubgami; arikw azoza mu gihe c’impore, yironkeshereze ubgami ubuhemanyi.


ut’ Ariko, icatumye aba arakuretse, n’ukugira ngo akwereke ubushobozi bgiwe, kandi ngw izina ryiwe ryāmāmare mw isi yose.


Nzobīhōra bihambaye, mbahanane ubushangashirwe; maze bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzoba mbīhōye.


Ni co gituma ngira nshikimure ihanga rirushije ayandi kuba ribi, begukire amazu yabo; kandi nzotuma ubgibone bg’abahizi buherengetera; n’ahantu habo hēra hazohumanywa.


Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe.


Uhoraho yimenyekanishije, yarashikije imanza: Ategesha umunyakibi ibikorwa vy’intoke ziwe nk’ umutego. Higayoni. Sela.


Nta wundi yigeze kwīgira umugurano wo gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi nka Ahabu, yavyohejwe n’umwamikazi wiwe Yezebeli.


Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.


Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana na Yesu Kristo n’imbere y’abamarayika bātoranijwe, witondere ivyo, ntuce urw’ umwe, ntukore ivyo guca urwa nkunzi.


Numva ijwi ry’Umwami Imana rivuga, riti Ndatuma nde, ni nde yotugīra? Maze ndavuga, nti Ndi hano, ba ari jewe utuma.


Abanyakibi bayerera impande zose, Iyo hashizwe hejuru abantu b’imburakimazi mu bana b’abantu.


Maz’ uwo mwami Ahazi nyene, igihe aburaniwe arushiriza kuja imbere gucumura k’ Uhoraho,


Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana.


Uhoraho yahamangiye intebe yiwe mw ijuru: Ubgami bgiwe buganza vyose.


Mbonye kw ari vyiza guserura ibimenyetso n’ibitangaza Imana isumba vyose yankoreye.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite