Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 3:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 arik’ umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, mur’ ako kanya aca atererwa mw itanure ry’umuriro uhinda.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 3:6
20 Referans Kwoze  

babaterere mw itanure ry’umuriro; ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Bazobaterera mw itanure ry’umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


kandi bazohinduka umuvumo wo kuvumana w’abambukanywe bose b’i Buyuda bar’ i Babuloni, ng’ Uhoraho arakakugira nka Zedekiya na Ahabu, abo umwami w’i Babuloni yataze ku muriro babona;


Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?


kandi ng’ Umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, atererwe mw itanure ry’umuriro uhinda.


Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikōko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco.


Yugurura urusumanyenzi rw’i kuzimu, rupfundukamw’ umwotsi nk’uw’ itanure rinini, izuba n’ikirēre bicurishwa umwiza n’umwotsi wo mur’ urwo rusumanyenzi.


Uwo mwanya umwami atuma umushibamyi, amubarira kuzana umutwe wa Yohana. Aragenda, amucira izosi mw ibohero,


at’ Ivyo vyose ndabiguha, ni wampfukamira, ukansenga.


abakuru bose b’igihugu, n’ivyēgēra vyawe, n’ abaganwa n’abacamanza n’abagabisha, bagiye inama ngo hashingwe icagezwe cawe, no gushirah’ icihanikirizo gihambaye, ngo kumara imisi mirongwitatu umuntu wese azogira imana n’imwe asaba, cank’ umuntu n’umwe, atari wewe, mugenzi, az’ atererwe mu rwobo rw’intambge.


Nuko baboha abo bagabo, uko bākambaye imyinjiro n’amakanzu n’imitamana n’izindi mpuzu bambaye, babaterera hagati mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda.


Nuk’ umwami yishura Abakaludaya, ati Vyamvuyeko: kandi ni mutammenyesha izo nzozi n’ingene zisobanurwa, muzohimbagurwa, kand’ ingo zanyu zizosigara ar’ amatongo.


Maz’ igisigaye akagihindura ikigirwamana, ar’ igishushanyo ciwe yabāje: akacikubita imbere akagisenga, akacambaza, ati Nkiza, kuk’ ur’ imana yanje.


ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’ Imana ifuha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka,


yerekeza amaso ahahera i Sodomu n’i Gomora n’igihugu cose ca ca kiyaya, aritegereza, abona imyotsi y’ico gihugu ipfūndūka nk’ imyotsi y’itanure.


Maz’ abantu bose bumvise amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, amoko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bose, ako kanya baca bikubita hasi basenga ico gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yari yāhagaritse.


Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite