Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 3:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Arababarira, at’ Erega ndabona abantu bane babohoye, bagendagenda mu muriro hagati, kandi nta co babaye; kand’ ishusho y’uwa kane isa n’iy’ umwana w’imana.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 3:25
20 Referans Kwoze  

Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.


Arikw akunkumurira ico gikōko mu muriro, ntiyagira ic’ aba.


bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, nta co kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire.


Umusi ur’ izina abana b’Imana baje bashengereye Uhoraho, kandi na Satani yazananye na bo.


Nebukadineza aravuga, at’ Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo, igakiza abasavyi bayo bayizigiye, kukw ijambo ryanje baricishije ukundi, bagaheba amagara yabo, kugira ngo ntibagire iyindi mana n’imwe basaba canke basenga, atar’ Imana yabo.


Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’ abamwubaha, Akabarokora.


Kandi ni nde yobagirira nabi, ni mwagira ishaka ry’ivyiza?


Ariko naho bitoba birtyo, umenye mugenzi, ko tutosaba imana zawe, canke ngo dusenge ico gishushanyo c’izahabu wahagaritse.


Igihe inyenyeri zo mu gaturuturu zāririmbira hamwe, N’abana b’Imana bose bagasēsereza impundu?


yerekanywe kw ar’ Umwana w’Imana mu buryo bga Mpwemu Yera, ukuzuka kwiwe kwavyerekanishije ubushobozi, ni we Yesu Kristo Umwami wacu.


Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.


Ni nde yadūze mw ijuru, akamanuka? Ni nde yakoranirije umuyaga mu bipfunsi vyiwe? Ni nde yatēkeye amazi mu mwambaro wiwe? Ni nde yashimangiye impera zose z’isi? Izina ryiwe ni nde, cank’ izina ry’umwana wiwe, namba worimenya?


Ntuz’ ugire ubgoba kubgabo, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Nzokurokora ngukūre mu maboko y’ abanyakibi, kandi nzogucungura ngukūre mu maboko y’abantu b’agaterabgoba.


Maz’ umwami Nebukadineza asimbga n’umutima, ahaguruka n’ingoga; abaza abajanama biwe, ati Mbega harya ntitwatereye mu muriro abantu batatu baboshwe? Bishura umwami, bati Koko n’ abo, mugenzi.


Maz’ umwami aca aranezerwa cane, avuga ko bakūra Daniyeli muri rwa rwobo. Nuko Daniyeli akūrwa mu rwobo, nta n’agakwabu kabonetse kuri we, kuko yari yizigiye Imana yiwe.


Izokurokora mu vyago bitandatu, Mbere no mu vyago ndwi nta kibi kizogukorako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite