Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 3:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Nukw abo bagabo batatu, Shaduraka na Meshaki na Abedunego, bagwa hagati mw itanure ry’umuriro uhinda, uko bākaboshwe.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 3:23
13 Referans Kwoze  

Maze bafata Yeremiya, bamushira mu cobo cimbiwe kubīka amazi ca Malakiya umwana w’ umwami, cari mu rugo rw’ibohero: bamwururukirizayo n’imigozi. Mur’ ico cobo nta mazi yarimwo, atar’ ikivurugu c’ivyondo: kandi Yeremiya adibira muri nya vyondo.


Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, Arik’ Uhoraho ayamukiza yose.


Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira.


no kuzimya ubukare bg’umuriro, no gukira ubugi bg’inkota, no guhindurwa mu ntege nke ngo zicike inkomezi, no kuba agahebuza mu ntambara, no kunesha ingabo z’abanyamahanga.


Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.


Nuk’ uwo mukuru w’inkone abīta ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shaduraka, Mishayeli amwita Meshaki, Azariya amwita Abedunego.


Maz’ umwami Nebukadineza asimbga n’umutima, ahaguruka n’ingoga; abaza abajanama biwe, ati Mbega harya ntitwatereye mu muriro abantu batatu baboshwe? Bishura umwami, bati Koko n’ abo, mugenzi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite