Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 3:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 3:15
25 Referans Kwoze  

Maze Petero n’intumwa barabishura, bat’ Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.


Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi.


Ngo N’izihe mu mana zose zo mur’ ivyo bihugu zākijije igihugu cazo ngo ntigikorokere mu maboko yiwe, ng’Uhoraho na we akize Yerusalemu ngo ntihakorokere mu maboko yiwe?


Farawo arababaza, at’ Uhoraho ni nde, ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeli? Uhoraho sindamuzi, kandi sindekura Abisirayeli.


Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye:


Kandi ni babajana babashengeranye, ntimuze muhagarikire imitima ico muzovuga; ico muzohabga cose mur’ ako kanya, muze mube ari co muvuga: kukw atazoba ari mwebge muvuga, azoba ari Mpwemu Yera.


Nuk’ umwami apfa kubigera, bazana Daniyeli, bamuterera mu rwobo rw’intambge. Maz’ umwami abgira Daniyeli, at’ Imana yawe wama ukorera iragukiza.


Abicaye mw ikombe bose bamuhanze amaso babona mu maso hiwe, hasa n’ah’ umumarayika.


hanyuma ni wama insukoni bizoba ari vyiza; ariko n’utama, uzowuca.


Kandi ni bābajana mu masinagogi bakabashīra abakuru n’abaganza, ntimuze muhagarikire imitima ico mwireguza n’ingene mwiregura, n’ico muvuga.


Ashitse hafi ya rwa rwobo Daniyeli yarimwo, ahamagara n’ijwi ry’umubabaro, abaza Daniyeli, ati Yewe Daniyeli musavyi w’Imana nzima, mbeg’ Imana yawe ukorera na ntaryo yashoboye kugukiza izo ntambge?


Uwo watonganije ukamurogotako ni nde? Ni nde wirahiye akararamango ukamurābana agakēngērwe? Erega ni jewe Uwera w’Abisirayeli.


Es’ icompa ukabaharira icaha cabo! Na ho bidashobotse, jewe upfume usibanganya izina ryanje mu gitabo cawe wanditse.


Yizigiye Imana, n’imukize ubu nyene ni yaba imubabaye: kuko yīgira ngo Nd’ Umwana w’Imana.


Ariko babashengeranye, ntimuze muhagarikire imitima ico muyuga n’ingene muzokivuga, kukw ivyo muvuga muzobihabga mur’ ako kanya.


Ariko ni mutammenyesha izo nzozi, igihano muzohanwa ni kimwe; kuko mwagiye ingingo yo kumbarira amagambo y’ibinyoma n’ubuhumvyi, ngw ejo buzocana ayandi. Nuko rero ni mumbgire izo nzozi, mpeze mmenye ko mushobora no kuzinsobanurira.


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite