Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umwami Nebukadineza yakoze igishushanyo mw izahabu, uburebure bgaco bgar’ amatambge mirongwitandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ amatambge atandatu: agihagarika mu kiyaya c’i Dura, mu ntāra y’i Babuloni.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 3:1
29 Referans Kwoze  

Azobona ibara, ūbgira igiti, ati Ni wikangure! akabarira n’ ibuye ry’ikiragi, ati Haguruka! Mbeg’ ivyo vyoragura? Erega vyayagirijwekw izahabu n’ifeza, arikw imbere nta mpwemu bigira na mba.


Mbega kare ho har’ uwokwironkera izitwa imana, kandi zitari zo?


Basukanura izahabu mu mupfuko, bagera ifeza ku munzane, bagaha umucuzi w’izahabu ingero, akabicuramw’ imana; bakayīkubita imbere bakayisenga.


Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa.


Murabona kandi murumva yukw atari muri Efeso honyene, ariko nko muri Asiya hose, umwe Paulo yoheje abantu benshi akabahindura, at’ Imana zākozwe n’intoke si zo mana.


Nuko rero, ko tur’ uruvyaro rw’Imana, ntidukwiye kwiyumvira yukw Imana isa n’izahabu, cank’ ifeza, cank’ amabuye, ivyābājwe n’ubuhinga n’ubgenge bg’abantu.


Kur’ uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngw abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema;


Ibigirwamana vy’abanyamahanga n’ifeza n’izahabu, N’ibikorwa n’amaboko y’abantu.


Umwami araheza yīgīra inama, acurisha ibishushanyo vy’ amamasa bibiri mw izahabu, abarira abantu, at’ Erega birabagoye kwama mudūga i Yerusalemu: ehe rāba, ngizi imana zanyu zabakūye mu gihugu ca Egiputa, yemwe Bisirayeli!


ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.


Maz’ umwami akuza Daniyeli, amuha ingabire nyinshi zikomeye, amuha igihugu muri Babuloni, no kuba umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni.


Bakoresha ifeza zātabatabge zavuye i Tarushishi, n’izahabu zavuye i Ufazi, ibikorwa vy’umuhinga, n’ivy’ amaboko y’umucuzi w’izahabu; bavyambika impuzu z’amasufe n’iz’ inyambarabami; vyose n’ibikorwa vy’abahinga.


Kandi muzotitura ifeza yometse ku bishushanyo vyanyu vy’ibibāzano, n’izahabu yometse ku bishushanyo vyanyu vyavugutiwe mu nkero; muzobishibura rwose nk’ikintu gihumanye, mubibarire, muti Vaho, mugende!


Ibishushanyo bibājwe vy’ibigirwamana vyabo muze mubiturire; ntimuze mwifuze ifeza cank’ izahabu vyometse kuri vyo, ntimuze mubitware, vyoye kuzohava bibahindukira umutego, kukw ivyo ar’ ubuyobe k’Uhoraho Imana yanyu;


Nuko Mose asubira k’ Uhoraho, aravuga, ati Tegēra Bgirukiro! Abo bantu bakoze icaha gikomeye koko, bicuriye ikigirwamana c’izahabu.


Uti Ntimukarondere izindi mana ngo muzibangikanye na we: ntihakagire ivyitwa imana mucura, ari mw ifeza canke mw izahabu.


Abantu bārokotse, batishwe n’ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni n’ibigirwamana vy’izahabu n’ivy’ ifeza n’ivy’ imiringa n’ivy’ amabuye n’ivy’ ibiti, bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda:


Maz’ umwami ashira hejuru Shaduraka na Meshaki na Abedunego mu gihugu c’i Babuloni.


Ku ngoma ya Ahasuwerusi, (Ahasuwerusi uyo, ni we yaganza ibihugu ijana na mirongwibiri n’indwi, uhereye i Buhindi ugashitsa Etiyopiya),


Nebukadineza atangura kubabaza, ati Mbega Shaduraka na Meshaki na Abedunego, mwabigize ibigirankana kudasaba imana zanje no kudasenga ico gishushanyo c’izahabu nahagaritse?


banywa ibiturire, bahimbaza imana z’izahabu n’iz’ ifeza n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye.


Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali.


Maze Daniyeli asaba umwami ngo Shaduraka na Meshaki na Abedunego bamutwarire mur’ ico gihugu c’i Babuloni; ariko Daniyeli aguma i bgami.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite