Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nuk’ umwami yishura Abakaludaya, ati Vyamvuyeko: kandi ni mutammenyesha izo nzozi n’ingene zisobanurwa, muzohimbagurwa, kand’ ingo zanyu zizosigara ar’ amatongo.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:5
10 Referans Kwoze  

Ni co gitumye nshinga icagezwe, yuk’ umuntu wese wo mu bgoko bgose cank’ ihanga canke wo mu bavuga indimi zitari zimwe, azovuga nabi Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, azohimbagurwa, kand’ urugo rwiwe ruzosigara ar’ itongo; kukw ata yindi mana iriho ishobora gukiza ben’ ubu buryo.


Kandi nshinze itēka, k’umuntu wese azohindura iri bgirizwa, bazositura inkingi mu nzu yiwe, bayishinge bayimumanikeko, kand’ inzu yiwe bayihindure ikirundo c’isakamburira bamuhoye ivyo.


Maze bamenagura inkingi ya Bayali, basangangura iyo ngoro yayo, bayihindura umusarane gushitsa na bugingo n’ubu.


None rero yemwe abibagira Imana, ni mwiyumvire ibi, Noye kubashishimura, hakabura uwobakiza:


Ivyo bitera umwami kuraka, arashangashirwa rwose, agera ko bageseza abanyabgenge b’i Babuloni bose.


Ni bakamangane nk’amazi ashēshwe; Bakigenekereza imyampi ibe nk’ibishishibano.


Maze Samweli aramubgira, ati Nk’ukw inkota yawe yagira abagore imbura, ni ko na nyoko abaye imbura mu bandi bagore. Nuko Samweli amuhimbagurira imbere y’Uhoraho i Gilugali.


Kandi mukoranye amasahu yose yo muri co, muyarunde mu kibuga caho, muturire ico gisagara n’amasahu yaco yose, bibe nk’ikimazi co kwoswa ciramvuriye, gishikaniwe Uhoraho Imana yanyu; ico gisagara kize gihinduke ikigūngūzi c’amasakamburira ibihe vyose: ntikize gisubire kwubakwa ukundi.


Ico gihe Yosuwa aca amahani abantu, aravuga, ati Ni hagira umuntu ahaguruka, akazokwubaka iki gisagara c’i Yeriko, aravumwe imbere y’Uhoraho. Igihe azokwubaka itanguriro ryaho azobura umwana wiwe w’imfura, kand’ igihe azotera ibikingi vy’amarembo yaho azobura umwana wiwe w’ umuhererezi.


nti Yewe Beluteshaza, umukuru w’abanyamarēba, ko nzi kw impwemu z’imana zera ziba muri wewe, kandi kw ata banga rikunanira, enda mbarira ivyo neretswe mu nzozi zanje ivy’ ari vyo, n’uko bisobanurwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite