Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:49 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

49 Maze Daniyeli asaba umwami ngo Shaduraka na Meshaki na Abedunego bamutwarire mur’ ico gihugu c’i Babuloni; ariko Daniyeli aguma i bgami.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:49
12 Referans Kwoze  

Nuk’ uwo mukuru w’inkone abīta ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shaduraka, Mishayeli amwita Meshaki, Azariya amwita Abedunego.


Nuko bongeye gukoranya inkumi ubugira kabiri, Moridekayi yari yicaye ku kirimba i bgami.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Mur’ iyo misi, Moridekayi yari yicaye ku kirimba i bgami, babiri bo mu nkone z’umwami, Bigitana na Tereshi, bo mu barinda umuryango, barashungumirwa, barondera ingene bokwica umwami Ahasuwerusi.


Nuko Daniyeli aja i we, abimenyesha bagenzi biwe, Hananiya na Mishayeli na Azariya,


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


Hatsinzwe, abaganwa bose b’umwami w’i Babuloni baraza basagaza mu kirimba co hagati, ni bo aba: Nerugali‐sharezeri, na Samugari‐nebo, na Sarusekimu, na Rabu‐sarisi, na Nerugali‐sharezeri, na Rabu‐magu, bo n’abandi baganwa bose b’umwami w’i Babuloni.


Abagororotsi iyo banesheje haba icubahiro cinshi, Arikw abanyakibi iyo bari hejuru abantu barinyegeza.


Maz’ abagendanyi b’ umwami bose bāri ku kirimba i bgami bunamira Hamani, bakamwikubita imbere, kuk’ umwami yari yābishinze ngo bamuhe ico cubahiro. Ariko Moridekayi ntiyamwunamira, ntiyamwikubita imbere.


Kand’ ashira hejuru yabo abakuru batatu bo kubaganza, umwe muri bo yari Daniyeli; kwar’ ukugira ngw abo baganwa babashikirize ivyo bātoje, ng’ umwami ntagire ico ahomba.


Umwami Nebukadineza yakoze igishushanyo mw izahabu, uburebure bgaco bgar’ amatambge mirongwitandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ amatambge atandatu: agihagarika mu kiyaya c’i Dura, mu ntāra y’i Babuloni.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite