Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 2:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Kandi nk’uko wabonye ibirenge n’amano ar’ ikivange c’ibumba n’ivyuma, ni k’ubgo bgami buzoba ubgami butandukanye; muri bgo hazoba inkomezi nk’iz’ ivyuma, nk’uko wabonye ivyuma bivanze n’ibumba.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 2:41
8 Referans Kwoze  

Kand’ amahembe cumi wabonye ni yo bami cumi batarīma, ariko bahabga kuganziriza hamwe na ca gikōko nk’abami nyene, kumara isaha imwe.


Gihagarara ku musenyi wo ku kiyaga. Mbona igikōko ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe ndwi: ku mahembe yaco hārih’ imigāra cumi, no ku mitwe yaco hārih’ amazina y’amarogotano.


Mw ijuru haboneka ikindi kimenyetso, igisato c’amahēro gisa n’ikibengebenge, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi, no mu mitwe yaco cambaye imigāra ndwi.


Kandi ku vy’ayo mahembe cumi, mur’ ubgo bgami hazokwadukamw’ abami cumi; maze mu nyuma zabo hazoza uwundi mwami; ariko we azogira itandukaniro n’aba mbere, kand’ azonesha abami batatu.


Hanyuma y’ivyo, mu vyo neretswe mw ijoro ngira ntya mbona igikōko ca kane, giteye ubgoba c’ubuyobe, kandi c’inkomezi nyinshi; cari gifise imihāha minini y’ivyuma; kiratabagura, kirajanjanga; ibisigaye kibisiribangisha amajanja yaco. Cari gifise itandukaniro n’ ibindi bikōko vyose vyacitangiye imbere; kandi cari gifise amahembe cumi.


Arik’ ubgami bga kane buzokomera nk’icuma: kukw ivyuma ari vyo bimenagura ibintu vyose, bikabijanjagura; kandi nk’ukw ivyuma bifyonyora ivyo vyose, ni k’ubgo bgami buzomenagura bukajanjagura burtyo.


Kandi nk’ukw amano yar’ ikivange c’ivyuma n’ibumba, ni k’ubgo bgami buzomera: igice kimwe kizokomera, ikindi kibe urujo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite